NEWS

Callixte Sankara yashizwe ahabona inyuma yo gufatwa.

on

Callixte Nsabimana, yiyise Sankara, yashizwe ahabona imbere y’Abamenyeshamakuru ku biro vy’iperereza vy’Urwanda(Rwanda Investigation Bureau) kuri uyu musi wa gatanu inyuma yo gufatirwa mu mazinga ya Comoros muri Ndamukiza 2019.

Callixte Sankara yahora ari umuvugizi w’umurwi witwaje ibirwanisho, FLN, wahora ukora ibitero mw’ishamaba cimeza rya Nyungwe rihana urubibe n’Uburundi mu bumanuko bw’Urwanda.

Kuwa 30 Ndamukiza 2019 niho Ibiro bijewe iperereza vy’Urwanda vyavuga ko vyafashe Sankara Callixte maze ko arindiriwe kujanwa imbere y’Ubutungane.

Ibiro vy’iperereza vy’Urwanda vyamenyesheje ko Callixte Sankara yafashwe ku wa 13 Ndamukiza 2019, ariko ntivyavuze aho yafatiwe.

Ariko rero, ibinayakuru bitari bike vyamenyesheje ko Callixte Sankara yafatiwe mu mazinga ya Comoros hifashijwe ingabo z’iperereza z’Urwanda.

Callixte Sankara akaba yashizwe ahabona ari kumwe n’uwumuburanira naho Sankara atahawe akaryo ko kuyaga n’ibimenyeshamakuru.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.