Big Fizzo ni umuririmvyi w’umurundi yahora aba mu gihugu c’Ubufaransa n’umukenyezi wiwe. Hari haheze igihe yaragarutse mu gihugu c’Uburundi ariko mukaba mwibuka ko Big Fizzo yamenyesheje ko hageze yko asubira mu Bufaransa.
Nk’uko yabivuze ko ariko yitegura gusubira mu bufaransa, vyatumye ategura igiteramo co gusezera abakunzi b’umuziki wiwe, ico giteramo kikaba yacise “ Bye Bye Concert”, kikaba kizoba kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 23 Ruheshi 2013.
Abakunzi biwe bakomeje kuvuga ko kizoba ari ic’amosozi menshi kuko uyu muririmvyi n’umwe mubafise abafana benshi hano i Burundi. Benshi mu bakunzi biwe bakaba bari banse kwemera ko agiye gusubira mu bufaransa, kuva aho hasohokeye iryo zina “Bye bye Concert”, baciye bemera ko iyo nkuru ariyo.
Twibutse ko uyu muririmvyi mu makuru atangaza avuga ko atazoteba kugaruka mu gihugu ciwe kuko yongeye guhamagarwa na Primusic kuzokwitaba ibiteramo vyayo kandi akaba ashaka kuzanira abakunzi biwe album nshasha yaramaze iminsi ategura.