Thursday, June 8, 2023
HomeNewsBuyoya atwaye OIF ngo kwoba ari nk’ugushimira umwicanyi !" Bisabwa asigure ingene...

Buyoya atwaye OIF ngo kwoba ari nk’ugushimira umwicanyi !” Bisabwa asigure ingene urwimo rwo mu Burundi rwatanguye, kuko ngo hapfuye benshi cane !

Uwahoze arongoye igihugu c’Uburundi, umukenguzamateka Petero Buyoya ari mubariko bariyamamaza kugira bazorongore ishirahamwe “OIF” ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa. Umupfasoni Maragarita Barankitse arongoye ikigo “Maison Shalom” amenyesha ko adashigikiye ukwo kwitoza kwa Buyoya, kuko vyoba bisa nk’ugushimira umwicanyi”


Petero Buyoya

Mu gihe yagirizwa ko yatembagaje ubutegetsi kabiri kose, mu kiganiro yaheruka kugirana n’insamirizi RFI, Petero Buyoya yabajijwe namba abona akwiriye gutorwa mu burongozi bwa OIF (Organisation Internationale de la Francophonie), ishirahamwe ry’abakoresha ururirimi rw’igifaransa. Petero Buyoya yishuye ko igikomeye atari ingene umuntu yashitse ku butegetsi, ahubwo ari ukuraba ingene yabusubije, kuko ku bwiwe mu bihugu vya Afrika kugeza ubu hari ingorane y’ingene abakuru b’ibihugu basubiza ubutegetsi.

Petero Buyoya yemeza ko yabaye akarorero mu kubuvako, ari navyo ahubwo vyari bikwiye guha icigwa n’abandi bakuru b’ibihugu vyo muri Afrika.


Maragarita Barankitse

Maragarita Barankitse, ari nawe yatanguje ikigo “Maison Shalom” co mu Ruyigi, yamenyesheje, nawe nyene ku nsamirizi RFI, ko gushikiriza Petero Buyoya uburongozi bwa OIF, kwoba ari nk’ugushimira umwicanyi. Ku bwiwe abona ko uwo yahoze ari umukuru w’igihugu, Petero Buyoya, yari akwiye kugumizwa mu Burundi, agasigura ingene urwimo rwo mu Burundi rwatanguye, kuko hapfuye benshi cane. Mu rurimi rw’igifaransa yagize ati : « Ce serait récompenser un criminel ! Pierre Buyoya devrait plutôt rester au Burundi et nous expliquer comment les évènements se sont produits. Il y a eu tellement de morts, et il n’a rien dit ! »

Tubibutse ko umukenguzamateka Petero Buyoya Buyoya yatembagaje ubutegetsi kabiri kose rimwe mu mwaka w’1987, ahandi mu mwaka w’1996, akavuga ko ico gihe yasubije ubutegetsi ku neza. Nk’uko yabibwiye abamenyeshamakuru ba RFI, igihe yatembagaza ubutegetsi bwa Yohani Batista Bagaza, yabusubije mu mwaka w’1993 neza, abuha Melchior Ndadaye yari ahejeje gutsinda amatora ashigikiwe n’umugambwe Sahwanya Frodebu. Nayo mu mwaka w’1996 atembagaje ubutegetsi bwa Sylvestre Ntibantunganya, Petero Buyoya avuga ko yabusubije neza, ndetse hagatunganywa n’ibiganiro, amasezerano ya Arusha agaterwako umukono, ari nayo yazanye ku bwiwe amahoro n’umutekano mu Burundi.

Sources : Igihe Burundi

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...