NEWS

Bururi : Umwigisha yashurashuje umunyeshure wiwe

By

on

Umwigeme wo kw’ishure ryisumbuye rya Kiryama, komine Songa, intara ya Bururi yasambanye n’umwigisha wiwe, mw’ijoro ryo ku munsi wa kabiri rishira umunsi wa gatatu, uwo mwigeme akaba yafatiwe mu kazu ka sugumwe, aho uwo mwigisha wiwe asanzwe aba.

Amakuru atangwa n’abajejwe intwaro muri komine Songa avuga ko uwo mwigeme yaraye kuri uwo mwigisha, mu gatondo ko ku munsi wa gatatu abavyeyi biwe akaba ariho baza kubaza kw’ishure iyo umwana wabo ari, kuko batari bamubonye ijoro ryose.

Abigisha bo kw’ishure ryisumbuye rya Kiryama, bari kumwe n’abavyeyi b’uwo mwigeme, niho baca batangura kumurondera, bongera babaza aboba baramubonye irya nyuma. Bahavuye baronka amakuru y’abantu bababwiye ko babonye ku mugoroba uwo mwigeme ari kumwe n’umwigisha wiwe.

Bashitse ku rugo rw’uwo murezi, basanze umwigeme bariko bararondera anyegejwe (yugaranwe) mu kazu ka sugumwe, umwigisha nawe akaba yari yamaze guhunga, kuko yari yamaze kwumva ko abavyeyi b’umwigeme yararanye bariko baramurondera.

Mu giporisi mu ntara ya Bururi bavuga ko babandanya kurondera uwo mwigisha, bakamenyesha kandi ko uwo yagirizwa icaha c’ugufata ku nguvu umwigeme yahora mw’ibohero yagirizwa nyene gushurashuza umwigeme.

Recommended for you