NEWS

Bururi : Umuntu umwe yakomerekejwe na Gerenade

By

on

Umuntu umwe yakomerekejwe na Gerenade yaturitse mu gatondo ko kuri uwu wa kane mu mwonga uri muri komine Rutovu intara ya Bururi. Mu giporisi bamenyesha ko iyo gerenade yakomerekeje umwungere w’inka yari aragiye hafi y’ahariko haraturirwa ivyatsi.

Mu giporisi bavuga ko iyo Gerenade yaturitse bitewe n’ubushuhe bw’uwo mucanwa wariko uva mu vyatsi vyaturiwe n’abantu bashaka kurima muri uwo mwonga.

Mu giporisi bamenyesha kandi ko batashoboye kumenya uwazanye iyo Gerenade muri uwo mwonga.

Recommended for you