NEWS

Burundi-RDC: Imigwano i Uvira yabandanije, igisirikare c’Uburundi kirahakana kugira uruhara muri iyo migwano.

on

Imigwano yatanguye mu ndwi iheze ku musi wa kane hagati y’abitwaje ibigwanisho b’Uburundi RED Tabara n’ingabo za Kongo FARDC yabandanije kuri uyu musi wa mbere mu duce twa Kiryama mu bice vya Uvira mu ntara ya Sud Kivu. Ababona aho iyo migwano ibera bavuga ko abatari bake bamaze kuhasiga ubuzima abandi bagakomereka.

Mu gihe ababonye iyo migwano bavuga ko igisirikare c’Uburundi FDNB kiriko kigira uruhara muri iyo migwano, igisirikare c’uburundi kirabeshuza ayo makuru, maze kimenyesha ko kitariko kigira uruhara muri iyo migwano iriko ibera i Congo.

Ayandi makuru yamenyesheje kuri uyu musi wa mbere ko iyo migwano yatanguye mu ndwi iheze yoba imaze guhitana abantu 21, bane bo ku ruhande rwa Red Tabara, hama abandi bo muri FARDC na FDNB.

Ayo makuru nyene akamenyesha ko ingabo z’Uburundi zoba ziriko zitahukana abahasize ubuzima bacishijwe mu ntara ya Cobitoki.

Igisirikare c’uburundi coba catwaye muri Kongo abasoda b’igihugu kugira baze guhangana n’umugwi w’Abarundi ugwana ariwo RED Tabara wavutse kuva mu mwaka wa 2015 hatanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ugusubira gutorwa kwa Petero Nkurunziza.

Recommended for you