Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME yafashwe n’igipolisi aho yariko agira imyiyerekano yo kwiyamiriza abantu bafise amatungo yumurengera adasigurika. Uyo arongoye OLUCOME akaba yari yazindutse agira imyiyerekano arumwe aja kunyubakwa y’ubushikiranganji bw’ubutungane.
Gabriel RUFYIRI ntiyabaye agishika kurubwo bushikiranganji kuko yaciye ahagarikwa n’igipolisi. Ni mugihe uyo arongoye OLUCOME yiyamiriza umugwi w’abategetsi batunze vy’umurengera kandi abarundi isinzi bari mubukene ntangere, akaba yafashe iyo ngendo kubera igipolisi kitamwemerera kugira ibiganiro canke imyiyerekano arikumwe n’abanyagihugu.