Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje izina ry’umupfasoni buca aja gusubirira buramatari Ildephonse Ntawunkunda, yahora ariwe arongoye intara ya Muyinga.
Carine Manirabarusha, umuhutukazi avuka mu ntara ya Muyinga afise imyaka 41 y’amavuka ava mu mugambwe CNDD FDD, akaba ariwe yamejwe n’inama nkenguzamateka kugira asubirire Ildephonse Ntawunkunda, umututsi avuka muri komine ya Giteranyi intara ya Muyinga. Iyo ntara ya Muyinga kuva mu mwaka w’2010, ikaba imaze kurongorwa naba buramatari batatu.
Ku murwa mukuru w’iyo ntara ya Muyinga hakaba hamaze iminsi akajagari na cane cane aho musitanteri wa komine ya Muyinga amaze kubogozwa incuro zibiri, agasubizwa mu mabanga bigoranye, aho inama mpanuzwajambo igwiriyemwo abari mu mugambwe CNDD FDD muri iyo komine ya Muyinga, bivugwa ko iterekwa uwo mupfasoni arongoye komine ya Muyinga. Ildephonse Ntawunkunda yabogojwe rero, bikavugwa ko yari yaragerageje gusukamwo mabisi hagati y’iyo nama mpanuzwajambo ya komine na musitanteri Evelyne Izobiriza ariko biranka. Ntwawunkunda, akaba yari yatowe mu mwaka w’2010 nk’umushingamateka, akaba yagiye kurongora iyo ntara avuye mu nama nshingamateka.
Umukuru w’inama nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana akaba yasiguriye abakenguzamateka ko ikurwa ry’uwo buramatari, atari uko yaranguye nabi amabanga yo kurongora intara ya Muyinga, ahubwo ko bishoboka y’uko umukuru w’igihugu yoba agira amugomwe, akamugena mu yandi mabanga.
Sources :Igihe Burundi