NEWS

Burundi : Imiriyoni 50 ku witoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu

on

Bamwe mu banyeporitike bari bitavye inama y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabaye kuri uwu wa gatanu basavye ko amafaranga y’ingwati yahora atangwa n’uwukeneye kwitozamu kibanza c’umukuru w’igihugu yokurwa ku miriyoni 15 z’amarundi, agashirwa ku miriyoni 50 z’amarundi.

Ivyo vyasabwe mu mubonano wahuje ubushikiranganj bw’intwaro yo hagati n’abaserukira imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi. Iyo nama yabereye mu ntara ya Gitega.

Muri iyo nama yitabwe n’imigambwe 19 kuri 32 yemewe n’amategeko, abayitavye bagarutse kandi ku bibanza vyohabwa abigenga batashikanye ibice 40 kw’ijana mu matora, co kimwe n’ibibanza vyohabwa imigambwe itashikanye ibice 2kw’ijana, hamwe n’ibijanye n’ishingwa ry’inama ya komine.

Abo banyeporitike bagizwe n’abari mu Burundi gusa bahawe akaryo n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko gutanga intererano zabo kuri ivyo bibazo bijanye n’imyiteguro y’amatora yimirije mu mwaka w’2020.

Ikibazo c’uko uwushaka kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yotanga imiriyoni 50 z’ingwati, kikaba arico gisa n’icateye impari hagati y’abanyeporitike, bagasaba ko amafaranga y’ingwati itangwa yogumizwa ku muriyoni 15.

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published.