Abamenyeshamakuru batatu, Alexis Nibasumba akorera Bonesha FM mu Rumonge, Eloge Niyonzima wa RPA i Bubanza, hamwe na Alexis Nkeshimana akorera Bonesha FM i Bubanza, bose bakoze amakuru y’ibirwanisho vyahawe Imbonerakure za CNDD FDD bariko bakorwako iterabwoba.
Abamenyeshamakuru bo mu ntara zivugwa ko zavuzwemwo itangwa ry’ibirwanisho baronse amakuru abamenyesha ko bashobora gutabwa muri yompi umwanya uwariwo wose. Ku munsi wa kabiri, Alexis Nibasumba akorera Bonesha FM mu Rumonge yamenyeshejwe ko hari umugambi wo kumufatira mu nama yari guhuza umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’abajejwe intwaro. Kubera uwo mugambi, Alexis Nibasumba amenyesha ko yarungikiwe ubutumire bw’iyom nama na Buramatari w’intara ya Bururi hamwe n’umushikirizamanza wo muri iyo ntara, ariko ntiyitaba iyo nama kubera yari yamaze kumenyeshwa ko umutahe wo kumuhagarika wari wamaze gusohoka.
Mu ntara ya Bubanza nayo nyene yavuzwemwo itangwa ry’ibirwanisho, abandi bamenyeshamakuru babiri, Eloge Niyonzima wa RPA, hamwe na Alexis Nkeshimana akorera Bonesha FM baramaze kurungikirwa imitahe yo kwitaba ubutungane, kubera amakuru batanze y’ibirwanisho vyahawe Imbonerakure, ibindi bikavugwa ko bibitswe mu ngoro y’umugambwe CNDD FDD muri iyo ntara ya Bubanza.
Patrick Nduwimana, umuyobozi wa Bonesha FM, imwe muri izo nsamirizi zibiri zifise abamenyeshamakuru bariko bakorwako iterabwoba amenyesha ko bitumvikana ingene abajejwe intwaro borondera gukandamiza abamenyeshamakuru bariko bakora umwuga wabo. N’aho abo bamenyeshamakuru boba bagirijwe gutanga inkuru zitarizo, itegeko rigenga umwuga w’ukumenyesha amakuru rirategekanya uburyo amakuru atariyo abeshuzwa, bikenewe mbere n’abumva barenganijwe bakitura ubutungane batarinze gutera ubwoba.
Mu gihe abo bashaka gukoresha inguvu bafabwa n’amabanga bajejwe bobandanya gutera ubwoba abo bamenyeshamakuru, Patrick Nduwimana, umuyobozi wa Bonesha FM avuga ko bazokwitura ubutungane, bongere bashire ahabona amazina y’abari inyuma y’ivyo bikorwa vy’uguhohotera abamenyeshamakuru.