NEWS

Bujumbura: Imyiyerekano Yo Gushigikira Ivyavuye Mu Nama Ya EAC Iheruka.

on

Abari muri iyo myiyerekano bavuga ko bashimiye umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Kaguta Museveni, hamwe n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe MAGUFURI.

“Turakengurukiye cane abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, na cane umukuru w’igihugu c’Ubuganda n’umukuru w’igihugu wa Tanzaniya ku ngingo nziza bafashe y’ugusaba ko abanyaburaya bafatiye ibihano vy’akarenganyo Uburundi bobifuta kugira ibintu bigende neza.”

Muri iyo myiyerekano, abo bakuru b’ibihugu basabwe ko bokwicarira ikibazo c’amatati ari hagati y’Uburundi n’Urwanda.

“Turasavye kandi ko abo bakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bokwicarira vuba ikibazo c’amatati ari hagati y’Uburundi n’Urwanda, kugira ngo twibanire neza, na cane cane ko Uburundi bwamaze kubashikiriza ico kibazo.”

Umuhuza mu bibazo vya poritike y’Abarundi yasabwe ko ivyo biganiro vyotahukanwa kubandaniriza mu Burundi, abagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi nabo bashikirizwe ubutungane bw’Uburundi.

“Dusavye ko ibihugu vyose bicumbikiye abagomvye gutembagaza inzego z’igihugu kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015 vyobashikiriza ubutungane bw’Uburundi. Dusavye kandi umuhuza ko yotahukana ibiganiro bihuza Abarundi bibera hanze kugira ngo bisozerwe vuba nk’uko yavyiyemereye, kuko vyotuma uburyo bukenewe bugabanuka.”

Muri iyo myiyerekano, indirimbo z’ugushimagiza umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA nizo zasamirana.

Recommended for you