Ama gerenade agera kuri ane niyo yatewe mw-ijoro ryo kuri uyu wa mbere ku bituro vy-abiyunguruza vy-ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hamwe n-iyindi imwe yatewe muri karitiye Jabe , zone Bwiza .
Abakomerekejwe n-ayo magerenade bari barindiye imodokari zibunguruza kugira ngo batahe .
ˮNabonye abantu biruka ku mpande zose bava ku bituro birukanga . Ayo magerenade yarateye ubwoba ‟ niko umwe mu bari hafi yigana.
ˮmu mwanya wa mbere , abakomeretse bajanywe kw-ivuriro ryo hagati mu gisagara imbere y-uko rusehabaniha ishika. Abantu bashitse ku bwinshi ku bitaro vyitiriwe Prince Louis RWAGASORE. bamye bari baremvye cane‟ Niko uyundi yari yegereye ico kibanza avuga.
Iyindi gerenade yaturikiye muri karitiye Jabe, muri zone Bwiza .ˮ yatewe imbere y-umuryango mukuru w-isoko ahasanzwe hacururiza abadandaza b-indagara‟ Niko bivurwa n-umunyagihugu yemeza ko yabonye abakomeretse bagera kuri batanu.
Ivyo bitero bibaye inyuma y-ivyabaye mumpera y-indwi iheze ku kibuga c-indege ca Bujumbura bitiriwe Melchior Ndadaye aho ata muntu yapfuye hamwe n-ikindi gitero ca gerenade cabereye I Gitega, ku murwa mukuru wa politike w-uburundi , kigatwara ubuzima bw-abantu batatu hamwe n-abarenga 20 bakomeretse.