Thursday, June 8, 2023
HomeNewsBujumbura: Ibitero vya gerenade vyakomerekeje abantu benshi.

Bujumbura: Ibitero vya gerenade vyakomerekeje abantu benshi.

Ama gerenade agera kuri ane niyo yatewe  mw-ijoro ryo kuri uyu wa mbere ku bituro vy-abiyunguruza  vy-ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hamwe n-iyindi  imwe  yatewe  muri karitiye Jabe , zone Bwiza .Burundi: «Le régime oblige les gens à voter en faveur du référendum» |  24hcongo

Abakomerekejwe n-ayo magerenade  bari barindiye  imodokari  zibunguruza  kugira ngo batahe .

ˮNabonye abantu biruka ku mpande zose  bava ku bituro birukanga . Ayo magerenade yarateye ubwoba ‟ niko umwe mu bari hafi yigana.

ˮmu mwanya wa mbere , abakomeretse bajanywe kw-ivuriro ryo hagati mu gisagara imbere y-uko rusehabaniha ishika.  Abantu bashitse ku bwinshi ku bitaro  vyitiriwe Prince Louis RWAGASORE. bamye bari baremvye cane‟ Niko uyundi yari yegereye ico kibanza avuga.

Iyindi gerenade yaturikiye muri karitiye Jabe, muri zone Bwiza .ˮ yatewe imbere y-umuryango mukuru  w-isoko ahasanzwe hacururiza abadandaza b-indagara‟ Niko bivurwa n-umunyagihugu yemeza ko yabonye abakomeretse bagera kuri batanu.

Ivyo bitero bibaye  inyuma y-ivyabaye  mumpera  y-indwi iheze ku kibuga c-indege ca Bujumbura bitiriwe Melchior Ndadaye  aho ata muntu yapfuye  hamwe n-ikindi gitero ca gerenade cabereye I Gitega, ku murwa mukuru wa politike w-uburundi , kigatwara ubuzima bw-abantu batatu  hamwe n-abarenga 20 bakomeretse.

 

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...