NEWS

Bujumbura, Gitega, Muyinga na Kayanza bahagurukiye amasaha yo kwugurura no kwugara Ububare.

on

Inyuma y’ingingo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, atwara igisagara ca Bujumbura yafashe yo kwugururu ububare kuva isaha indwi z’imurango bakagugara isaha zitatu zijoro, izindi ntara ziriko zikurikiza iyo ngingo.

Intara ya Gitega nayo yashize ahabona itangazo ko amasaha yo kwugurura ububare akwiye kwubahirizwa akdni ko yahindutse, maze ko uwuzorenga kuri iy ngingo azotozwa amande.

Intara ya Muyinga nayo nyene ntiyatanzwe mu gushira ahabona amategeko mashasha agenga ububare bwo muri iyo ntara nk’uko biboneka ku rwandiko rwasohowe.

Iyndi ntara ije ihamvya izindi ntara ni Kayanza yafashe nayo ingingo ko ububare bugiye kwugurura isaha icenda z’umuhingamo hama bwugare isaha zibiri z’ijoro mu misozi atari mu gisagara.

Mu Kayanza kandi bamenyesha ko ububare buzokwugara isaha zitatu z’ijoro mu gisagara ca Kayanza.

Abanyabubatre bamwe bamwe bakaba bidogera iyo ngingo ko igiye gutuma bakora bahomba kubera bagiye kuza barugara kare gose.

Recommended for you