NEWS

Bujumbura : Abashingamateka bakoranye ku kibazo ca mugenzi wabo yagirizwa gutegura kwica umukuru w’igihugu NKURUNZIZA

By

on

Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yatumweko abaserukira abandi bashingamateka, hamwe n’abaserukira imirwi y’amaho mu nama nshingamateka, kugira bigire hamwe ivyasabwe n’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika ko umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA yokurwako ubudahangarwa. Uwo mushingamateka asanzwe atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA niwe nyene arongoye umurwi w’abashingamateka b’urunani rw’Abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI ruwobowe na RWASA Agathon.

Mu butumire yatanze, Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yamenyesheje ko umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yasavye ko uwo mushingamateka yokurwako ubudahangarwa kubera imvo z’amatohoza ubutungane buriko burakora.

Biciye ku muvugizi Petero NKURIKIYE, igiporisi c’Uburundi caheruka kwagiriza umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA ariko ategura umugambi w’ukwica bamwe mu ndongozi zikomeye z’Uburundi, harimwo n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Uwo mushingamateka yasiguye ko ivyo vyashikirijwe n’igiporisi ari umugambi w’ukumukura muri poritike, akamenyesha ko afise ivyemeza ko ari irementanya ryateguwe n’iperereza ry’Uburundi.

Tubibutse ko umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero Nkurikiye yerekanye kw’igenekerezo rya 18 gitugutu, abagirizwa kuba bashatse kugandagura abashingamateka babiri bakomoka mu mugambwe CNDD-FDD. Abo bafashwe bakavuga ko babitumwe na Pierre Célestin Ndikumana, umushingamateka wo mu runani Amizero y’Abarundi. We arabihakana, akamenyesha ko ari irementanya

Abo bahungu biboneka ko bakiri bato bavuze ko Pierre Célestin Ndikumana ariwe yabatumye kugandagura abo bashingamateka kuko badasangiye ivyiyumviro vya politike.

Abajijwe n’abamenyeshamakuru kuvyo yagirizwa, Pierre Célestin Ndikumana amenyesha ko iryo ari irementanya ryakorewe mw’iperereza n’igiporisi vy’Uburundi mu ntumbero yo kumucafuza nk’uko bimaze kuba ku bandi batavuga rumwe na Reta. Pierre Célestin Ndikumana akaba yavuze ati: “Uwo mushingamateka Justine bavuga je namumenye ndavye mu gitabu kirimwo amazina y’abashingamateka, ubundi bwo nta ntawe nari nzi. Uwo mugabo wiwe Hilaire nawe ndamuzi yaranyigishije, kandi abo bose ntaco dupfa.”

Recommended for you