Muri zone ya Bwiza kw-ibarabara rya kane ,havurwa igitero ca gerenade cabaye mw-ijoro ryo kuri uyu wa gatatu mu nzu abantu barabiramwo amareresi. Abantu barenga 15 akaba aribo bimaze kumenyekana ko bakomeretse mw-ico gitero. Ico kibanza kikaba gikunda kuba giteramiramwo urwaruka ruvuye mu ma zone ya Nyakabiga, Jabe na Buyenzi.
Nkuko vyiganwa n-abashoboye kwirukanga bahunga ico gitero, bemeza ko abantu barenga 15 bahakomerekeye harimwo na baremvye cane. Igipolisi kikaba cihutiye kutwara abakomeretse muri bimwe mu bitaro biri mu gisagara ca Bujumbura.
Musitanteri wa komine Mukaza, Renovat Sindayihebura aremeza ayo makuru y-ico gitero ariko akamenyesha ko ata muntu numwe yapfuye ko n-abakomeretse batababaye cane.