Mu giporisi kijejwe amatohoza BSR hapfungiwe abantu baraye bafatiwe mu butambiro butandukanye bwo mu gisagara ca Bujumbura, aho abenshi wasanga ari abigeme.
Mu bucagucagu bwo kuri uyu wa gatandatu igenekerero rya 28 Ruheshi, abafatiwe muri ubwo butambiro butandukanye na cane cane ubusanzwe buri kw’ibarabara ryitiriwe UPRONA bakaba baciyebajanwa gupfungwa. Abantu batari bake ndetse baharugwa hafi y’ijana bakaba bafashwe, baca burizwa imiduga y’igiporisi, bajanwa gupfungirwa mu giporisi kijejwe amatohoza.
Mwomenya ko muri abo bafashwe harimwo n’abagabo. Abigeme nabo bafashwe, benshi bakaba ari abari bambaye uduhuzu tugufi. Muri iyi minsi hakaba havugwa bumwe mu butambiro canke zimwe mu nyubakwa z’ubunywero usanga abana b’abigeme bakiri bato bajanywe n’abagabo bakuze mu ngeso mbi z’ubuhumbu.