Izina ryiwe ni Nahimana Eliezer batazira Combo, umutama w-imyaka 76 yapfuye k-umusi wa kane bitumwe n-ihohoterwa ridasanzwe yakorewe n-urwaruka rw-imbonerakure,rwegamiye umugambwe CNDD-FDD kw-itegeko rya musitanteri wa komine Buganda.
Intandaro ya vyose hari mu bikorwa rusangi mu gihe uwo mutama yahakana ko hacibwa umuserege uri hafi y-inzu yiwe kugutinyira ko woruhiye kuyimubomorera . Nikwo guca hahamagarwa musitanteri w-iyo komine Pamphile Hakizimana nahonyene umutama Eliezer yararahiye arengwa ko atemera ko uwo muserege wohava umubomorera inzu yiwe nikwo guca musitanteri atanga itegeko k-urwaruka rw-imbonerakure ngo zimujane kumufunga aho ngo zanagenda ziramukubagura birenze.
K-ukuntu ababanyi n-abaryango bari bazi amagara y-uwo mutama ameze,barasemereye ko atofungwa kugutinya ko amagara yiwe yohava amera nabi . Ninavyo vyahavuye biba amaze gushika mu gasho kuko amagara yiwe yahavuye amukika binatuma abandi bafungwa baja kumutabariza. Na musitanteri Pamphile Hakizimana yahavuye nawene atabazwa n-abaryango ko yogira ico akoze uwabo ntihagire ico aba ariko ntacavuyemwo yahavuye asezera isi kuko yari yamaze kuremba bikomeye. Abaryango, incuti n-abagenzi b-uwo mutama bari mukababaro kadasanzwe ndetse baranegura cane inyifato musitanteri w-iyo komine yerekanye.