Abanyororo bagera ku 144 bo mw’ibohero rikuru rya Bubanza nibo bamaze gutorwa indwara ya Covid-19 ku banyororo 512 bamaze gupimwa. Muribo abo barwaye, bane barwariye ku bitaro vy’intara ya Bubanza mu gihe 140 basigaye bariko bakwirikiranirwa muri iryo bohero rikuru rya Bubanza.
Kuw’Imana uheze, niho abanyororo babiri bari bagiye kwivuza hanze y’ibohero , batorwa umugera wa Covid-19 , umwe akaba yari umukenyezi , uwundi akaba umugabo. Amakuru dukesha iradiyo RPA Ijwi ry’abanyagihugu, ngo haciye hatunganywa vyihuta igikorwa co gupima abanyororo bapfungiwe muri iryo bohero. Ku musi wa mbere, hapimwe abanyororo 142 basangamwo 17 barwaye. Ku musi wa gatatu, hapimwa 145 , haca hatorwamwo abagabo 9 barwaye mu gihe ku musi wa kane hapimwe abanyororo 341, muri abo basanze abanyororo 102 bamaze kwandura uyo mugera wa Covid-19.
Gushika ubu , hakaba hamaze gupimwa abanyororo 512. Kuri abo bamaze gupimwa, hamaze kwigaragaza abanyororo 144 banduye uwo mugera wa corona.
Muri abo banyororo 144 banduye Covid-19, bane muri bo nibo bari ku musego mu bitaro vy’I bubanza mu gihe abandi 140 basigaye bari mw’ibohero rikuru rya Bubanza aho bariko barakurikiranwa.