Tue. Jan 28th, 2020

Bubanza : Inzandiko zigabisha abantu 29

Buramatari w’intara ya Bubanza aragabisha abantu bamaze iminsi bakwiragiza inzandiko zitagirako umukono, aho bavuga amazina y’abantu bazokwicwa bagirizwa uburozi.

Izo nzandiko zatowe ku mutumba wa Nyenkarange, muri komine Rugazi intara ya Bubanza, zikavuga urutonde rw’abantu 29 bazokwicwa bagirizwa ko ari abarozi.

Ubwoba ni bwinshi kuri abo bantu hamwe n’imiryango yabo, bakavuga ko ivyo bagirizwa ari irementanya. Abo bantu barara batazi ko buca, bagasaba ko umutekano wabo wokingirwa.

Buramatari arongoye intara ya Bubanza aragabisha abakwiragiza izo nzandiko zitagira umikono, akavuga ko kenshi usanga abakwiragiza izo nzandiko ari abantu bafise ivyo bapfa bagomba kwihanira.