Thursday, December 1, 2022
HomePoliticsBubanza: Incuti za Pascal Nyabenda yahoze arongoye CNDD-FDD zarakubaguwe n'imbonerakure.

Bubanza: Incuti za Pascal Nyabenda yahoze arongoye CNDD-FDD zarakubaguwe n’imbonerakure.

Incuti z’uwahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu, Umushingamateka Pascal Nyabenda zarakubaguwe n’urwaruka rw’imbonerakure kuri uyu wa 28 Rusama 2022 mu gihe zariko zirataha zivuye mu rubanza rwari rwateguwe na Pascal Nyabenda. Ukwo gucanamwo mu mugambwe uri ku butegetsi mu ntara ya Bubanza kuriko guterwa ahanini nuko umushingamateka Pascal Nyabenda amaze imisi atacana uwaka n’uwurongoye umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Bubanza, Ngoragoze Alexandre. Ivyatumye abanywanyi babo nabo baca barabana ay’ingwe.Image

Hari kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 28 Rusama 2022, aho urwaruka rw’imbonerakure rurimwo n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD muri komine  yitwa Ndayishimiye Evariste, rwatega umutego incuti z’uwahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’igihugu (2012-2016),  maze rutangura kubakubita ibikoni rwari rwitwaje. «Twari tuvuye  mu rubanza umushingamateka Nyabenda Pascal yadutumiyemwo. Ntaco twinona. Abo bateze umutego bugaye ibarabara  tuza gucamwo  mu gutahuka»  Niko uwo vyabayeko yiganiye ikinyamakuru Sos Médias Burundi.

Nkuko tubandanya tubikesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi, Bose hamwe ni abantu indwi bakubaguwe aho bakubiswe barashaya bongera babwirwa amajambo  mabi yo kubasuzugura. Abo bakubiswe hamwe n’ababakubise  bose ni abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD . icabacanishijemwo naco kikaba ari ukutumvikana  kumaze imisi kuri hagati y’indongozi zibiri i Bubanza z’uwo mugambwe uri ku butegetsi. Abo nabo ni Umushingamateka Pascal Nyabenda hamwe n’umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe mu ntara ya Bubanza yitwa Ngoragoze Alexandre. Ivyahavuye bituma abanywanyi babo bacika abansi.

Igihaye kiboneka nuko uruhande rw’abakubaguwe bagakubitwa rushobora kutumvirizwa mu butungane naho rwitwariye abarukubaguye bitewe nuko umushingamateka Pascal Nyabenda afatwa na bamwe mu bagumyabanga b’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Bubanza nk’«umuhemu»

«Abajejwe intwaro bafise ubwoba  bwo gufata ingingo iteye kubiri n’ubushake bw’umunyamabanga  w’umugambwe mu ntara ya Bubanza ntabwo Nyabenda aha iwacu mu mugambwe bose bamwemera» Niko bamwe n’abandi babivuga begereye umugambwe CNDD-FDD aho i Bubanza.

 

Must Read