NEWS

Bubanza : Abantu batatu bo mu muryango umwe bishwe

By

on

Umutekano warahungabanye kuri uwu w’Imana mw’ihimbazwa ry’umunsi mukuru wa Noeweri mu ntara ya Bubanza, aho abantu batatu bo mu muryango umwe bishwe n’abagizi ba nabi bataramenyekana.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abishwe ari umugabo, umugore wiwe hamwe n’umwana wabo muto bari kumwe.
Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko abo bantu batatu bose bishwe batemagujwe imipanga umupanga, bakaba bishwe n’abantu babategereye bageze ku mutumba wa Muyange, muri komine Bubanza, intara ya Bubanza nyene.

SONY DSC

Ubwo bugizi bwa nabi bwabaye nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, abo bishwe bakaba bariko barataha.

Recommended for you