NEWS

Breaking News : Yaya Murishi umurundi aba muri America yishwe arashwe n’abantu bataramenyekana.

on

Inkuru yihuta ibabaje idushikiriye uno mwanya hano kuri UBM News yemeza ko umurundi asanzwe aba hano muri Leta zunze ubumwe za America mumuji wa Kansas City Missouri ” Yaya Murishi ” yarashwe nabantu bataramenyekana bari bitwaje inkoho.

yoya

Yaya Murishi ni umwe mubaririmvyi yahora aririmba indirimbo zo guhimbaza Imana ndetse akaba yarafatwa nkumwe mu barundi bafise ingabirano idasanzwe yo gucuraranga umuziki, kubatari bake rero nyuma yo kwumva urupfu rwiwe, bakaba babandanya kwerekana umubabaro udasanzwe ndetse bongera banahoza umuryango wabuze.

yaya

UBM News turaza kuguma tubatohoreza kugira tumenye uko ibintu vyifashe ariko tubibutse ko uno musore yaraye arashwe kumusi wejo wambere igenekerezo rya ( 12/14/2015 ) , ” RIP ” Imana Imwakire mu Bwami bwayo ndetse imuhe uburuhukiro bwiza.