Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsBreaking News : Petero Nkurunziza ashobora kutazokwitoza murano matora twimirije y’i 2015...

Breaking News : Petero Nkurunziza ashobora kutazokwitoza murano matora twimirije y’i 2015 !

Inyuma yo kwumva ayo majambo, abanyepolitike bamwe bamwe bakubiswe n’inkuba abandi ngo batangaye baravye agacerere umukuru w’Igihugu yarimwo.

Petero

Nkuko vyanditse n’ikinyamakuru net press, ngo baramenyeko umunyamabanga mukuru wa leta zunze ubumwe « Nations unies », Ban-Ki Moon yoba yarongeye gutelefona umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Imvo, ngo kwari kumutumirira gukurikiza ivyanditse ivyanditswe mu masezerano y’i Arusha ngo hamwe no mw’ibwirizwa nshingiro vy’Uburundi. Ngo ivyo vyotuma adasubira kwitoza ubugira gatatu nkuko net press abandanya ivyandika.

Nkuko inkuru net press yakuye mu bari mu biro vy’umukuru w’igihugu abivuga, Nkurunziza ngo yoba yaremereye Ban-Ki Moon ko atazokwitoza kandi ko yiteguye kubitangariza Abarundi n’amakungu, nkuko vyanditswe no k’urubuga gwa ONU.

Durban review confference

Bamwe ngo mubari bipfuzako Nkurunziza yokwitoza, ngo bashimwe kuzimya telefone ngendanwa zabo kugira ntibahave babazwa vyinshi n’abamenyeshamakuru, nkuko net press ivyandika.

Uwurongoye umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD, Pascal Nyabenda, umuhanuzi mukuru wa Nkurunziza ajejwe gutangaza amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe, ngo umusi wose waraheze amatelefone yabo adahamagara.

Kubwa Ban-Ki Moon, ngo ijambo rya Petero Nkurunziza ryategerezwa gutumirira aba n’abandi kuguma bafatanye munda kugira amatora azobe mu mwidegemvyo ntagere, atawukumiriwe, ngo ndetse azobere k’umugaragaro arimwo bose nkuko net press yaheraheje yandika.

Must Read