Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsBreaking News : Petero Karaveri Mbonimpa yarekuwe, Menya hano ikintu gitangaje cakoretse...

Breaking News : Petero Karaveri Mbonimpa yarekuwe, Menya hano ikintu gitangaje cakoretse mbere yuko arekurwa !

Sentare isubiramwo imanza ikukira igisagara ca Bujumbura yafashe ingingo yo kurekura vy’agateganyo Pierre Claver MBONIMPA yarafunzwe yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu, ubu akaba yaramaze igihe mu bitaro BUMEREC aho yarakitswe n’amagara.

mbonimpa

Mu ntahe yo kuwa kane Mukakaro 2014, imbere y’uko Petero Karaveri Mbonimpa yinjira ibitaro, umushingwamanza Antoine Nzobandora, umwe mu bashingwamanza baburanira Petero Karaveri Mbonimpa, yibukije abacamanza itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 27 Myandagaro 2014 rivuga ko umupfungwa arenza imyaka 60, kandi akaba arwaye ingwara idakira, ko ategerezwa guca ahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, akaburana yidegemvya. Umushingwamanza Antoine Nzobarinda yabwiye abacamanza ko Petero Karaveri Mbonimpa arwaye ingwara y’igisukari (Diabete) amaranye imyaka ine, akaba kandi arenza iyo myaka 60 ivugwa muri iryo tegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane, aho mukamenya ko Petero Karaveri Mbonimpa ageze ku myaka 65 y’amavuka.

Incuro zibiri zose yikurikiranya, sentare yafashe ingingo yo kumugumiza mu munyororo, naho amashirahamwe yaba mpuzamakungu canke ayo mu Burundi yaguma asemerera ko yorekurwa vy’agateganyo. Petero Karaveri Mbonimpa arekuwe inyuma y’aho inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya, hamwe na Barack Obama, umukuru wa Reta zunze ubumwe za Amerika, basabiye ko yohabwa umwidegemvyo. Ubutungane rero uyu munsi bwamuhaye umwidengevyo ariko bukaba bwamubujije kurengana imbibe z’igisagara ca Bujumbura adafise uruhusha rw’abacamanza.

Icatangaje benshi ! Abantu benshi batangazwa n’ubutungane bwo mu Burundi kuba budakwirikiza amategeko aho bo bibaza ko inama nshingamateka y’ibihugu vya buraya hamwe na Barack OBAMA ko aribo bazoza baraza kuvugira abo bose bahorwa ubusa kugirango ubutungane bubashe kubarekura !

Must Read