Amaherezo ukurindira vyarangiye.Uwutavuga rumwer n’ubutegetsi bwahahora Muhammadu Buhari yatsinze amatora mw’ihiganwa rikomeye.
Umugambwe wiwe uvuga ko prezida Goodluck Joanthan yamuhamagaye kuri telephone kugira yemere ko yatsinzwe kandi amukeze.
Iki n’ikintu gikomeye cane mu mateka ya Nigeria. Nta na rimwe umukuru w’igihugu ahasanzwe yari bwatsindwe amatora ubu bikaba ari nk’uko Nigeria yuguruye irenganye ikorosi. Kuva Nigeria yikukira ku Bwongereza mu 1960 habaye gutembagza ubutegetsi akatari gake.
Abashigikiye Gen Buhari bari mu kanyamuneza aho bumviye ivyavuye mu matora
Aya matora yashize ku mugaragaro ubudasa bufatiye ku madini. Ivyavuye mu matora bishobora guharigwa na bamwe kandi haracari ubwoba ko hashobora kuba intureka. Ariko abanye Nigeria benshi bumvise ubwa mbere ko bafise ubushobozi bwo gutora kugira basezere reta itariko irakora neza.
SRC : BBC