Monday, May 29, 2023
HomeNewsBreaking News : Mu Burundi umumenyeshamakuru wa Radio RPA yaraye ahatswe kwicishwa...

Breaking News : Mu Burundi umumenyeshamakuru wa Radio RPA yaraye ahatswe kwicishwa imipanga.

Umumenyeshamakuru wa Radio RPA abenshi bazi kwizina rya Raymond Zirampaye, uyu munsi yaraye ahatswe kugandangurwa atashe imuhira iwe aho umushoferi yaramutwaye we yakomeretse cane atemaguwe imipanga mu mutwe.

Raymond Zirampaye

Nkuko ano makuru yemezwa na Radio RPA ijwi ry’abanyagihugu, bo bavuga yuko abo bagizi banabi biboneka neza ko bari bafise imigambi yo kwica uno mumenyeshamakuru ariko Imana ikaba yarakinze kuko bo igihe baja kuguruza imodoka yari yaje arimwo ntabwo bamusanzeyo kuko yari aza yamaze kuvamwo , bityo abo bagizi banabi nyuma yo kumubura baciye bata ishavu kuruwo mushoferi aho basize bamutemaguye Imipanga mumutwe.

zirampaye

UBM News reka tubibutse ko uwo yatemaguwe ubu ariko aravurirwa mubitaro ariko kandi kugeza ubu amatohoza akaba yatanguye kugirango bashobore kumenya abo bagizi banabi bashatse kwivugana uno mumenyeshamakuru wa RPA.

Must Read