Inkuru itunguranye ndetse iriko irababaza aba fans b’umuririmvyi Big Fizzo nuko vyunvikana ko video yiwe nshasha yari yitezwe n’abantu benshi ya Niko sawa ” ko yoba yazimiye kunvo zitaremezwa kandi zitaramenyekana neza.
Nkuko ano makuru yaje adushikira hano kuri UBM News, yemeza ko kino kintu cashikiye uno miririmvyi mu gihe we asanzwe ari mu gihugu cubufaransa ariko ngo kugeza ubu we ntanakimwe aramenya kuvyerekeye ivyo kuzimira kwayo kuko ngo barabimuhishije.
Computer ya Laptop yari yahawe umuhinyanyuzi ” Black Arthur ”’ kugirango ngwayihinyanyure ino video ya Niko sawa , vyunvikana ko hari abantu bayivye bityo na video ya Niko sawa yari yimirije gusohoka bakaba barayibanye kuko yariri muriyo Laptop.
UBM News tubibutse ko ano makuru yo kuzimira kwino video nshasha ya Fizzo ari ayavugwa gusa kuko twagerageje kurondera umuhinyanyuzi yariko arakora in video kugirango tumubaze ibivugwa ko vyoba ari ivyukuri ( Black Arthur ) ariko ntitwashoboye kumuronka.
[youtube id=”OyQc6k0QdmE” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]