-Inkuru ziriko zicanacanako mu kanya gaheze ni izuko isoko nkuru ya Kayanza yoba yahiye iratokombera umucanwa watanguye igihe c’isaha imwe y’ijoro(19h).
-Abari aho bitangura batumenyesheje ko imbere yuko isoko ifatwa hoba habanje kuba intureka zivanzemwo inkoho yoba yahitanye umudandaza wo muri iyo soko.
-Mu nyuma umucanwa uraduka ufata isoko uhereye ku tuzu tw’imbaho twari mu nkengera.
-Abajejwe intwaro,abajejwe umutekano n’abafise ico bazeye muri iyo soko bose bifumbereje imbere y’imbeya ataco bafise borokora.
*Kizimyamoto caje kiva mu ntara ya Ngozi cahashitse mu masaha ya saa mbiri(20h) z’ijoro ataco igikiza.
-Twagerageje kubaza abari aho ivyoba vyahononekariye,ariko kubwo umubabaro n’agahinda vyabarangwa mu maso ntawashoboye kugira ico atubwiye.
-Abajejwe intwaro batwashoboye kuvugana bakaba batumenyesheje ko bakirindiriye ibitigiri vy’ivyononekaye biva mu matohoza yatangujwe.
***Ico tumenya kirenze aho turakibashikiriza,Imana ihe umutima wo kwigumya ababuriye muri iyo mpanuka…..