NEWS

Désiré UWAMAHORO yasabiwe gupfungwa umwaka wose

on

Sentare y’igihugu ikukira Intara ya Bubanza ,yaraye isabiye umunyororo w’umwaka umwe uwahoze arongoye igipolisi kijejwe kugwanya imugumuko ariwe Desiré Uwamahoro! Aho ni mugihe bagenziwe batanu bafise ubwenegihugu bwa Congo bo basabiwe gufungwa Imyaka itanu hamwe n’amande y’amafaranga angana imiriyoni 1 kumuntu umwe umwe!

desire

Desiré Uwamahoro naho bamuciriye ugwo rubanza,munsiguro ziwe avuga ko ivyo yagirizwa vyo kwiba amafaranga imiriyoni 29 y’amadolari atarivyo ahubwo akavuga ko igikorwa yari yahawe n’abamukurira cari ico gucungera umutekano w’uwo murwizatunga avuga ko yibwe.

UBM News tubibutse ko urubanza rw’ingingo sentare izofata kuri ivyo bihano ruzosomwa mumwaka uza kw’igenekerezo rya 2 Nzero mu 2017.

Recommended for you