Izina rya Agathon Rwasa niryo riza ubwambere ndetse biboneka ko ariryo rishigikiwe kandi rikunzwe cane n’abarundi benshi baba hano muri Leta zunze ubumwe za America, ivyo bikaba biboneka mumatohoza tumaze iminsi turimwo yo kurondera ndetse tunabaza abarundi baba hano uwo babona ko yarakwiye kuzoba umukuru wigihugu murano matora tw’imirije yi 2015.
Mu matohoza tumaze iminsi turimwo, ibice vy’abarundi baba hano muri America bigera kuri 90% berekanye ko bashigikiye agathon rwasa, naho 5% bakaba bavuze ko ataho bahagaze ibindi bice 5% navyo akaba ataco bashimye kuvuga.
Abarundi benshi twaganiriye babona ko Agathon Rwasa hamwe yoba umukuru w’igihugu ko hari vyinshi vyohinduka cane mu Burundi, bamwe babona ko ibibazo bihanze abarundi bose ko ariwe yohinduka umuvugizi wavyo ikindi naco nuko abarundi benshi baba hano muri America babona ko Agathon Rwasa ariwe munyapolitike akomeye kurusha abandi batavuga rumwe n’ubutegetsi bivanye nuko ariwe aburabwuzwa cane ariko abarundi bakabandanya bamwiyunvamwo .
Ano matahoza duheruka gukora aje yiyongera kukibazo twigeze kubaza hano kuri UBM News kuvyerekeye uwo abarundi benshi babona ko yarakwiye kuzoba umukuru wigihugu murano matora twimirije aho izina rya Agathon Rwasa ariryo ryaje mumwanya wa mbere kurusha abandi, ” Ibi n’ibimwe muvyiyumviro vyagiye bitangwa n’abantu batandukanye.
Murima Jean Rustique : Ni mutama rwasa kuko nimvugo ye iramuranga ko ashoboye kujabukana abarundi mugihugu cisezerano kandi akabatwara neza ata vyi nda birimwo canke imigambwe atabayewe mwopfuma mugarukana buyoya kuko ubu umuhutu umuvura amaso bwaca kandi akaya gukanurira.
Habineza Christian : Agathon Rwasa arabikwiye cane,ni umushingantahe w’ijunja n’ijambo gose,akunda igihugu c’u Burundi n’abana baco.Uwoba adatahura igituma mvuze uko,sinoyamara kuri commentaire arko mwomenye intuntu aterwa n’amabi akorerwa abana b’u Burundi,sinzi mwotahuye kuruta!!!
Christine Nishimwe : rwasa agato niwe ashoboye, nje mbona arinawe afite umutima wo kwitaho abanyagihugu
Innocent Nzambimana : AGATHON RWASA KUKO ATAMARONKO AHAHAMIYE, YATWAYE NEZA INSS. AKUNDA UBURUNDI N’ABARUNDI NI MUTAMA KANDI ACIYE AKENGE, NTAMUGAMBI AFISE WO KWIHORA ,ARAHANURWA AKEMERA.
Bukuru Constance: Nyakubahwa Agathon Mutama tuzomutora kuko azivyinshi kugihugu cacu afisurukundo kandi ntashirinda imbere ntaburyarya Afise akundabose abarundi bararushe ahubwo nanyaruke turonke akazi atakurobanura uwuri mumugabwe kanaka kandi yaraharaniye igihugu cane ngwino tukurindiriye nigishika .
Ndayishimiye Pascal Bavakure : Rwasa yarakwiy gutwara amajambo avuga ahumuriza abarundi
Max King : Agathon Rwasa biraboneka yuko afise umutima wokwubakira bose.
Didi Niyonzima : Agato rwasa arabikwiy nibamureke knd twitez ihinduka kubwiwe
Frank Serafina : Agathon Rwasa ngira yogerageza .peter agasubirako ubundi buzoba buhiye.harumuntu kera ubu ntanizina ndomuha.
Burundi : Ni Agathon Rwasa kubera ko :1. Yarerekanye incuro nyinshi ko adashira inda canke amaronko imbere, 2.Ashira imbere kubana kw’amoko mumahoro, Yararanzwe n’intwaro ibereye igihe gito yamaze atwara INSS
Eric Irankunda : Yoba Agathon Rwasa nimba atari uko bahashitse baca bashaka kuzuza inda zabo no gutoteza abo badasangiye umugambwe amajambo avuga araremesh’abanyagihugu kandi ivyisi iwiwe ni ubusa.
Jean Paul Kabura : Ni agathon Rwasa kuko turavye mumajambo yiwe hamwe ningene yatway neeza muri INSS ntawundi nizeye cane
Kamenge Augustin Pasteur : Nyenicubahiro a Agathon rwasa,arazi vyinshi kubuzima bwgihugu haba ubu cank muri kahise,numugabo yaranzwe nukuri muburongozi bwumugambwe palipe hutu fnl atigera atorelant amakosa,numugabo adashobora gutinya uyu cank uriya mugihe yokwagigwa namakosa,numugabo yarwaniye ubwigenge nyakuri kuva mumyaka mirongibiri iheze gushika nubu,numugabo yerekanye kwakunda igihugu mugusinya amasezerano yoguhagarika intambara,numugabo afise amajambo yubaka,numwe mubazi vyinshi vyinshi kanki vyinshi cane kuburundi ndetse nakarere kibiyaga binini
Kirenga : Agathon Rwasa,Numushingantahe wijunja nijambo atavugira mivumbi kumuvumba mugihugu hagati azwi kwizina rya MUTAMA.
Rafiki Wakweli Hadji : Ni duhe Rwasa nawe agerageze afise inyota Iva kure.
Reuben Nduwayo : Agathon rwasa kuko kuva nakera yamye arwanira agateka kazimuntu
Clovis Muhire: Nta wundi mbona atari RWASA Agathon aje gushayura Uburundi reka tumutore turabe ko ata changement izoba nawe Peter tumusezerere