Tuesday, March 28, 2023
HomeUbutunziBRB yafashe ingingo zikomeye ku babitsa canke ababikura amafaranga menshi ku musi...

BRB yafashe ingingo zikomeye ku babitsa canke ababikura amafaranga menshi ku musi canke ku kwezi .

Ibanki nkuru ya Republika y’uburundi mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 13 Nzero 2023, imenyesha ko kuva kuwa 16 Nzero 2023 ata muntu azoba akirekuriwe kubikura mu manoti ,muri banki canke mw’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana “microfinance” amafaranga y’amarundi arenga imiriyoni 15 ku musi canke imiriyoni 100 ku kwezi. Abazokenera kuyarenza bazobanza kumenyesha iyo bayabakuye.

Mw’iryo tangazo , Ibanki BRB yongeye kandi imenyesha ko kuva kuwa 16 Ruhuhuma 2023, nta muntu canke ishirahamwe rizoba rirekuriwe kubitsa imiriyoni zirenga 20 ku musi . Uwuzoshaka kuyarenza azobanza gusigura iyo yayakuye ndetse hisungwe n’ico akora kugira yakirwe.

Ibanki nkuru ya republika y’uburundi yasiguye ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo kugabanya ihanahanwa ry’amafaranga mu manoti , guteza imbere ibijanye no kuvunja amahera na cane kurwanya izunguruka ry’amafaranga adasiguritse hamwe n’ayohabwa imirwi y’iterabwoba.

Kuwa 3 Munyonyo 2021, Perezida Ndayishimiye mu nama yagiranye n’abarwizatunga bo mu gisata c’abikorera utwabo bo mu mihingo yose igize uburundi , yagabishije abantu babika amafaranga mu nzu zabo aho kuyatwara mu mabanki ko umusi umwe bazovyuka yahindutse ibipapuro.

Must Read