Abantu 26 baraye bishwe muri Komine Buganda mu ntara ya Cibitoki mu burengero bw’Uburundi bapfuye inyuma y’igitero cakozwe n’abantu bavuye mu gihugu ca Repubulika iharanira Demokarasi ca Congo, nk’uko Leta y’Uburundi ibimenyesha.
Umushikiranganji ajejwe umutekano w’igihugu Alain Guillaume Bunyoni yavuze ko abantu 24 aribo biciwe ku musozi wa Ruhagarika mu ntara ya Cibitoki hafi y’umupaka wa Congo.
Yabandanije avuga ko bandi babiri bapfiriye mu bitaro, ndetse ko hari n’indwi bakomeretse bajanywe kuvurigwa mu bitaro vy’i Bujumbura.
Umushikiranganji Bunyoni yavuze ko abateye mw’ijoro ryo kuwa gatanu yise “umugwi w’iterabwoba” ko bahungiye muri Congo, ariko ko bagiye gukurikiranwa.
Kino gitero kibaye kije gikurikira ikindi caheruka kuba mu gace ka Kagwema muri Komine Gihanga mu ntara ya Bubanza, aho abitwaje ibigwanisho biyadukije maze bica abantu babiri, abandi batatu barakomereka, maze baca bahungira muri Kongo.
Komine Buganda yaraye itewe n'abansi b'amahoro.Turahojeje imiryango yabuze ababo ataco bazira kandi twiyemeje kuba hafi abacitse kw'icumu. Duhamagariye Abarundi bose kuguma bafatanye mu nda. Abakoze ubwo bubisha bategerezwa gufatwa bahanwe hakurikijwe amategeko.
— Pierre Nkurunziza (@pnkurunziza) May 12, 2018
Benshi baribaza nimba abo bitwaje ibigwanisho baza bica abanyagihugu ataco bazira aho guhangana n’igisirikare coco kiba gifise inkoho nkabo…None abo baza bica abanyagihugu hama bagahungira kandi muri Kongo barondera iki? Boba bariko berekana ko bariho?Buraca bugacana ayandi...
Ubwoba bwatanguye kuba mu Banyagihugu bitega ko hashobora kuba nabi cane mu gihe canke inyuma y’amatora ateye impari cane mu Burundi yo guhinyanyura ibwirizwa shingiro, ayashobora gutuma Petero Nkurunziza atwara Uburundi gushika mu mwaka wa 2034.