Emmanuel Nkurikiye, icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yafashe ingingo kuri uwu wa kabiri yo guhagarika Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA, amukurikiranako ivyaha bitatu. Umumenyeshamakuru Bob RUGURIKA asangiye nomero ya dosiye yiwe n’abasanzwe bapfunzwe bakurikiranwako ubwicanyi bw’ababikira batatu b’abatariyanokazi.
Lambert Nigarura, umwe mu bashingwamanza ba Bob RUGURIKA, asigura ko uwo aburanira akurikiranwa ku vyaha bitatu :
– Kuba ataco yashikirije igihe ubwo bwicanyi bwariko burategurwa (manquement à la solidarité publique). Kuri ico caha, ingingo y’481 y’igitabu mpanavyaha itegekanya igihano c’imyaka iva kuri 10 gushika ku myaka 20.
– Gukorana n’abicanyi (complicité d’assassinat). Ico caha gihanishwa umunyororo w’imyaka 20 mu ngingo ya 38 y’igitabu mpanavyaha.
– Gutanga amakuru w’urubanza rukiri mw’itohozwa (Violation du secret de l’instruction). Umunyororo w’umwaka umwe ukaba ariwo utegekanywa n’ingingo y’393 y’igitabu mpanavyaha.
Ababuranira Bob RUGURIKA baranegura kubona Emmanuel Nkurikiye, icariho c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, yaguma asohoka aja kuronka amategeko y’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, ivyo bikaba vyerekanye ko atari yigenga.
Tubamenyeshe ko hamwe ivyo vyaha vyose yagirizwa vyomwagira, Imyaka irenga 30 niyo biboneka ko ashobora gufungwa ikindi naco nuko vyari bitegekanijwe ko Bob RUGURIKA nk’umuyobozi wa RPA yitaba kuri uwu wa kabiri mu rwego CNC rujejwe kugenzura itangazamakuru, kugira asigure ivy’amakuru y’amatohoza RPA yakoze y’ubwicanyi bw’ababikira b’abatariyanokazi. Insamirizi RPA yitwariwe na Guillaume Harushimana ajejwe ubutunzi mu kigo Centre Jeunes Kamenge, kuri uwu wa mbere mu rwego CNC rujejwe kugenzura itangazamakuru, agasaba ko urwo rwego rwobwiriza RPA ikabeshuza ayo makuru, kuko avuga ko yakorewe inteba ishushe. Naho biri uko, mu ruganda rw’itohozamakuru rwa RPA bamenyesha ko batahengeshanije kurondera uwo Guillaume Harushimana kugira agire ico ashikiza kuvyo yagirizwa, ariko akaba yagumye abaha isango atigeze yubahiriza.
Guillaume Harushimana yitwariye RPA muri CNC
Guillaume Harushimana yavuzwe mu mazina yatanzwe n’umunyagihugu yiyemerera ko ari mu badandaguye ababikira batatu b’abatariyanokazi, Olga Raschietti w’imyaka 83, Bernadette Boggia w’imyaka 79 na Lucia Pulici w’imyaka 75 mu Kamenge kuri paruwasi bita “Kwa Buyengero”
Kubw’uwo munyagihugu, inama zibiri zagizwe mu gutegura ubwicanyi bwahitanye ababikira zabereye mu bunywero bita Iwabo w’abantu bwa Général Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza. Uwo munyagihugu akavuga ko mu nama ya mbere yarimwo nawe, harimwo kandi n’abandi bantu nka Adolphe Nshimirimana yahora arongoye urwego rw’igendereza, umuporisi yitwa Ayubu, na Major Joseph Niyonziza batazira Kazungu, hamwe na Guillaume Harushimana ajejwe ubutunzi mu kigo Centre Jeunes Kamenge.
Adolphe Nshimirimana yahora arongoye urwego rw’igendereza
Ibibazo abenshi bibaza kw’ifatwa rya Bob Rugurika.
1. Yafashwe kubera iradiyo arongoye Rpa yahaye ijambo umuntu yemeza kuba yarishe ababikira ntiyaheza ngo abimenyeshe ubutungane. Ninaba ntihenze iyo radiyo haraciye, nk’imyaka cumi , yahora iha ijambo abavugizi b’umurwi w’abaroberi bahora batamika abantu amazirantoke, bica bagasambura. Ico kiroberi cari kirongewe n’uwitwa Peter Nkurunziza. Ko kugira ikiroberi vyahanwa n’amategeko ni kuki batatanguriye kuri ivyo muvyo amaradiyo yagiye aravuza ko wumva ari icaha.
2. Bob yagirizwa kuba yasize ahabona ibintu bikiri mw’ibanga ry’abatohoza. Mbega umuntu arabazwa amabanga (secret professionnel) y’akazi adakora?
Kira noneho nimba ivyo Rpa yavugije ukuri ubutungane buzi mw’ibanga Christian Butoyi aracakora iki mu Mpimba mugihe bazi ko uyo musore yigwariye mumutwe atoremekwa ababikira bishwe n’abandi? Mbega barindiriye iki kugirango bakurikirane abagirizwa burya bubisha?
Bob ntakindi azira ataruko yananiranye kuba mu mugambi uriho wokugura abamenyeshamakuru ngo bagabanye kuvuga ibijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu. Nico gituma nkuko nyakubahwa Musenyeri Mukuru Ntamwana yarivumereye kuja mu kiringo ca Gatatu bisa n’ugushira mu buja abarundi. Harageze ko dutomorera Perezida Nkurunziza ko tutazigera tuba abaja biwe.