Ishirahamwe Burundi Mining Mettallurgy BMM international ryaratswe uburenganzira bwo gucukura ubutare bw-ubwoko bwa Nickel hamwe n-ubundi butare bw-ubwoko bujana (minérais associés) mu karere ka Musongati . Iryo shirahamwe kandi rikaba ryategetswe kugarukana mu Burundi ubutare hamwe n-ibindi vyatwawe n-iryo shirahamwe igihe ryavuga ko rigiye kubisuzuma hanze y-igihigu c-ubuzuma. Bikaba biri mu vyapfundikiwe mu nama nshikiranganji yakoranye kuri uyu wa 27 gitugutu 2021 irongowe n-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye.
Tubamenyeshe ko ishirahamwe BMM ryahawe uruhusha rwo gucukura ubutare bwa Nickel mu Burundi mu mwaka w-2014. Iryo shirahamwe rikaba ryari ryahawe uruhusha rw-imyaka 25 yo gukorera mu gihugu hama rikongerwa imyaka cumi idasubirizwa. Leta ikaba yarifisemwo umutahe ungana n-ibice 15% hama iryo rikagira ibice 85%. Ariko ishirahamwe OLUCOME rijejwe kurwanya abarya ibiturire hamwe n-abasesagura amatungo ya Leta ryaraneguye cane ihabwa ry-uruhusha rw-iryo shirahamwe kuza gukorera mu Burundi aho tubisanga mw-ikete iryo shirahamwe ryandikiye ico gihe umukuru w-igihugu c-uburundi umuhisi Petero Nkurunziza rimumenyesha ko habayemwo igifungu n-amanyanga vyishi mw-itangwa ry-isoko kw-iryo shirahamwe. OLUCOME yavuga ko iryo shirahamwe ryahawe iryo soko hatabanje kuba amahiganwa ku mugaragaro n-ayandi mashirahamwe.