Sunday, March 26, 2023
HomeNewsBMM yatswe uburenganzira bwo kwimba Nickel yongera isabwa kugarukana ubutaka bwose yatwaye...

BMM yatswe uburenganzira bwo kwimba Nickel yongera isabwa kugarukana ubutaka bwose yatwaye ivuga ko igiye gusuzuma.

Ishirahamwe Burundi Mining Mettallurgy BMM international ryaratswe  uburenganzira bwo gucukura ubutare bw-ubwoko bwa Nickel hamwe n-ubundi butare bw-ubwoko  bujana (minérais associés) mu karere ka Musongati . Iryo shirahamwe kandi rikaba ryategetswe kugarukana mu Burundi ubutare hamwe n-ibindi  vyatwawe n-iryo shirahamwe igihe ryavuga ko rigiye kubisuzuma hanze y-igihigu c-ubuzuma.  Bikaba biri mu vyapfundikiwe mu  nama nshikiranganji  yakoranye kuri uyu wa 27 gitugutu 2021  irongowe n-umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye.Image

Tubamenyeshe ko ishirahamwe BMM ryahawe uruhusha rwo gucukura ubutare bwa Nickel mu Burundi mu mwaka w-2014. Iryo shirahamwe rikaba ryari ryahawe  uruhusha rw-imyaka 25 yo gukorera mu gihugu hama rikongerwa imyaka cumi idasubirizwa. Leta ikaba yarifisemwo umutahe ungana n-ibice 15% hama iryo  rikagira ibice 85%. Ariko ishirahamwe OLUCOME rijejwe kurwanya abarya ibiturire hamwe n-abasesagura amatungo ya Leta  ryaraneguye cane ihabwa ry-uruhusha rw-iryo shirahamwe  kuza gukorera mu Burundi aho tubisanga mw-ikete iryo shirahamwe ryandikiye ico gihe umukuru w-igihugu c-uburundi umuhisi Petero Nkurunziza rimumenyesha ko habayemwo igifungu n-amanyanga vyishi mw-itangwa ry-isoko kw-iryo shirahamwe.  OLUCOME yavuga ko iryo shirahamwe ryahawe iryo soko hatabanje kuba amahiganwa  ku mugaragaro n-ayandi mashirahamwe.

Must Read