NEWS

Leta Y’Uburundi Yagirije Ubumwe Bwa Buraya Guhungabanya Uburundi.

on

Mu kiganiro casohowe ejo ku mus iwa mbere itariki 5 za Ruheshi 2017, Umunyamabanga akongera akaba n’umuvugizi wa Leta y’Uburundi, Phillipe Nzobonariba, yamenyesheje ko Ubutegetsi bw’i Bujumbura bufise inyandiko z’ibanga zivuga ibijanye no guhungabanya Inzego z’Uburundi bikozwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, na cane ibijanye no guhindura intwaro y’Uburundi.

Muri iryo tangazo nyene rya Leta y’Uburundi, Phillipe Nzobonariba yamenyesheje ko Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryafashije mu buryo bw’amafaranga abantu bagize uruhara mu guhungabanya Ubutegetsi bw’Uburundi. Bamwe bakaba barasohorewe imitahe mpuzamakungu ibahagarika yasohowe n’Ubutunfgane bw’Uburundi, nkuko Nzobonariba abandanya abimenyesha.

Leta y’uburundi iriyamiriza izo nyandiko nivyo bikorwa kuko bibangamira Ubumwe bw’abanyagihugu.

Philippe Nzobonariba, Umunyamabanga akongera akaba Umuvugizi wa Leata Y’Uburundi

Nzobonariba abandanya amenyesha ko izo nyandiko zije zitanga inyishu ku bibazo vyahora vyibazwa ku ku kuntu Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya riguma ridahuza na Leta y’uburundi mu kubandanya bagwiza ibihano bifatirwa Uburundi n’ibindi. Leta y’Uburundi ikamenyesha ko izokora amatohoza yitondewe kuri izo nyandiko.

Abaserukira Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi bakaba bataragira ico bavuze kuri izo nyandiko,ariko bakazogira ico bazivuzeko.