Mugihugu ca Kenya mugace kazwi kw’izina rya Kisubi, Umu pasiteri yahuye n’uruva gusenya ubwo umukobwa wari mubirori bari bitabiye yakuye impuzu agasigara yambaye agahuzu ko musi.
Mubirori vyari vyahurije hamwe abaturanyi umuryango, inshuti n’abavandimwe b’umukobwa witwa Koreth aho yari yagize Isabukuru y’amavuko maze atumira bamwe muncuti ziwe ndetse n’inshuti z’umuryango hakaba hari hatumiwe n’umwe muba pasiteri b’Itorero uyu muryango w’uyu mukobwa usengeramwo, Uyu mukozi w’Imana yahawe Ikaze maze asengera abari bavyitabiriye nuko ibirori navyo bigenda neza nkuko vyari vyateguwe.
Ubwo ibi birori vyasozwa uyu mupasiteri yasabwe gusengera gutandukana ariko nubwo biruko ibirori vyari bisa nkaho biheze hasigaye kwinezereza kurwaruka rwari ngaho, pasteri yafashe umwanya arasenga maze akimara gusenga abona umwe mubakobwa bari ngaho atanguye gukuramwo impuzu azamura amajipo yari yambaye avuga cane ati“ubu tugiye gutamba umuziki kugeza mugitondo kandi sinotamba nambaye impuzu kuko ubushuhe sinobukira” ako kanya uyu mupasiteri yahise yifata kumunwa hamwe n’abandi bavyeyi bari angaho maze basaba ko uyu muziki wohita uhagarikwa buriwese agataha.
Urwaruka rwubu ntandero rufite pe ” ese wewe kino kintu uno mukobwa yakoze agakura impuzu ziwe imbere ya Pastor ukivugakwiki ?