NEWS

Bishasha: Amakuru atandukanye avugwa mu binyamakuru

on

Mu rukurikirane rw’inkuru ikinyamakuru canye UBM News kigiye kuza kirabashikiriza ni ukubegeraniriza amakuru yavuzwe mu binyamakuru bitandukanye hirya no hino mu karere.

Uyu musi turahera ku nkuru yashikirijwe na Radio Inzamba amenyesha ko umukuru w’umungambwe CNL mu ntara ya Gitega muri Quartier Bwoga yahagaritswe n’igipolisi mu gihe c’umusako wabaye muri iyo ntara ya Gitega mu mihana y’abanywanyi ba CNL ejo ku musi wa kane.

Iyindi nkuru tuyikesha RPA imenyehsa ko umusirikare umwe w’igihugu hamwe n’umupolisi bashobora kuba baraguye mu migwano yabaye mu ntara ya Bubanza muri iyi ndwi.

Imigwano yemanzwe ko yakozwe n’umuhari wiyemeje gukuraho intwaro ihari, CNDD-FDD, ariwo RED-Tabara. Bikavugwa kandi ko umunrwanyi umwe wa RED-Tabara yahasize ubuzima.

Red Tabara yoyo ikavuga ko abasirakare n’abapolisi 14 bahasize ubuzima harimwo n’abanyagihugu.

Radio Inzamba kandi iragaruka ku majambo yemanzwe n’umukuru w’Inama nkenguzamateka y’Uburundi, Reverien Ndikuriyo, ko ari ‘ugukuramwo uwo wese ashaka gutoba umutekano’.

Umwe mu baharanira agateka ka zina muntu, Armel Niyongere, avuga ko amajambo ya Reverien Ndikuriyo aturira kandi ko akwiye kubibazwa imbere ya Sentare Mpanavyaa Mpuzamakungu, CPI.

Amakuru y’ibinyamakuru tuyarangirize ku nkuru y’Ijwi rya Amerika avuga ko impunzi z’Abarundi ziri mu nkamabi ya Lusenda mu gihugu ca Kongo zisaba ko umukuru wa comite iserukira izo mu mpunzi kubandanya asaba cane ko izo mpunzi zokwimurirwa mu kindi gihugu aho boba bafise umutekano ukwiye n’ubuzima bwiza kurusha ubwo zibayemwo.

Recommended for you