NEWS

Biravurwa ko umuyobozi mushasha wa RTNB ari umukuru w’imbonerakure.

on

Amakuru amaze kuja ahabona yerekana ko umuyobozi mushasa wa Radio na Taleviziyo vy’igihugu, ariwe Eric Nshimirimana, ari umukuru w’Imbonerakure zo mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD.

Inkuru ya RFI ikamenyesha ko uwo Eric Nshimirimana ariwe agiye kuyobora iyo Radio yumvirizwa na benshi bo mu gihugu hagati umwaka umwe ubu hasigaye ngo habe amatora ya 2020.

Iyi nkuru ikavuga ko ari mbere ingabisho ku bamenyeshaakuru ba Radio Nkuru na Televiziyo vy’igihugu. Mukibuka ko hari umunyamakuru wa RTNB aheruka guhagarikwa hama ararekurwa ahorwa kuba yafashe amasanamu yabariko bahangana n’igipolisi mu gisagara ca Bujumbura.

Uwo Eric Nshimirimana agiye kuyobora RTNB bikabvugwa ko ‘ata bumenyi bwinshi afise mu bijanye n’ibinyamakuru hamwe no kumenyesha amakuru’.

RFI iravuga amajambo y’umwe mu bakozi ba RTNB ko Eric Nshimirimana yashizweho na ‘CNDD-FDD kugira ngo yigarurire iyo Radio yumvirizwa cane n’abanyagihugu bataba mu gisagara’.

Human Rights Watch iserukirwa na Lewis Mudge, nayo ikaba yiyamiriza iryo genwa rya Eric Nshimirimana bivanye n’ivyo Imbonerakure za CNDD-FDD zagirizwa na CPI.

ONU ikaba yita Imbonerakure umurwi w’inkorabara(milice).

Recommended for you