Thursday, June 8, 2023
HomeNewsBiratangaje : Ubutungane bwafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa...

Biratangaje : Ubutungane bwafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo Petero Karaveri Mbonimpa

Ababuranira Petero Karaveri Mbonimpa bamenyesha ko batangajwe n’ingingo yafashwe n’ubutungane bw’Uburundi yo kugumiza mu munyororo umukuru w’ishirahamwe APRODH, Petero Karaveri Mbonimpa.

pierre_claver_mbonimpa

Mu gihe vyari bitegekanijwe ko inyuma y’amasaha 48, ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, ubutungane bumenyesha ingingo bwafashe ku bijanye n’ivyari vyasabwe ko Petero Karaveri Mbonimpa yotezurirwa akaburana yidegemvya, amakuru dufise kandi yemezwa n’umwe mubamuburanira, umushingwamanza Armel Niyongere, n’uko ubutungane bwafashe ingingo yo kugumiza Petero Karaveri Mbonimpa mu munyororo. Ntiturashobora kumenya ico ubutungane bwisunze kugira bumugumize mu mvuto, ariko abamuburanira bakamenyesha ko baguye mu gahundwe bumvise iyo ngingo yafashwe.

Mu ntahe y’icese yo kuri uwu wa gatanu, umushingwamanza Antoine Nzobandora, ari nawe yari arongoye umurwi w’abashingwamanza baburanira Petero Karaveri Mbonimpa, yari yibukije abacamanza itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 27 Myandagaro 2014 rivuga ko umupfungwa arenza imyaka 60, canke akaba arwaye ingwara idakira, ko ategerezwa guca ahabwa umwidegemvyo w’agateganyo, akaburana yidegemvya. Umushingwamanza Antoine Nzobarinda yasiguriye abacamanza ko Petero Karaveri Mbonimpa arwaye ingwara y’igisukari (Diabete) amaranye imyaka ine, akaba kandi arenza iyo myaka 60 ivugwa muri iryo tegeko ry’umushikiranganji w’ubutungane Pascal Barandagiye, aho mukamenya ko Petero Karaveri Mbonimpa ageze ku myaka 65 y’amavuka. Abo bashingwamanza bemeye ko naho vyoba bikenewe, ingwati yotangwa, ariko uwo baburanira agahabwa umwidegemvyo w’agateganyo arekurirwa n’amategeko. Bivuye kuri iyo ngingo yafatiwe, Petero Karaveri Mbonimpa agiye kuburana apfunzwe.

Petero Karaveri Mbonimpa yakwije iminsi 53 apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Yahagaritswe kw’igenekerezo rya 16 Rusama 2014 yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Yarungitswe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’itegeko rya Salvator NDAYIZIGA batazira Nyamizi, akaba ari icariho c’umushikirizamanza wa Repuburika mu gisagara ca Bujumbura.

Sources : Igihe Burundi

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...