Umwana aheruka kuvukira muri India afise amaguru 4 hamwe n’amaboko 4 akomeje gutangaza abantu benshi cane, na canecane ababa mugace yavukiyemwo kitwa ( Baruipur )
Nkuko ano makuru tuyakesha ndetse yemezwa n’ikinyamakuru gikorera hano muri Leta zunze ubumwe za America ” New York Daily News ” bo bavuga yuko uwo mwana akivuka ko abavyeyi biwe bahise bamwita izina rya ( God Boy ) mu kirundi bikaba bisigura ( Umuhungu w’Imana )
Muri India nkuko musanzwe mubizi basanzwe bafise imigenzo yabo, bityo uno mwana kuba yavutse afise amaguru 4 hamwe namaboko 4, ntabwo vyabujije amahoro abavyeyi buwo mwana ahubwo bavyishimiye cane kuko bemeza neza ko yavutse ameze nkimana yabo yahariya izwi kwizina rya ( Brahma )