NEWS

Ngibi hano Ibibazo 10 bidasanzwe umuhungu canke umukobwa yiyumvira iyo ahejeje gukora imibonano mpuzabitsina

on

Akenshi umusore n’umukobwa iyo bahejeje gukora imibonano mpuzabitsina hari vyinshi mu bibazo bibaza bigera kuri cumi (10)

1.Tumaze gusambana ariko umenye ko hari vyinshi vyo kuvana munzira.

Bahejeje gukora ivyo bintu, imitima yabo itangura kwibaza cane , benshi batangura kwibaza bagasubiranamwo ngo imibonano mpuzabitsina siwo wari muti, twari kubireka tukazobikora dutwaranye, gusa vyarangiye ntakundi reka turindire turabe ibizokurikira.

2. Ninaba nanduye SIDA nzobigenza gute ?

Ibibazo vy’indwara ndabikizwa niki,ndabigenza gute , ninaba nanduye sida ahi sinoba ngiye gupfa nabi, iyaba narimbirokotse we, Mana ube wandinze simbe nanduye.

3. Ese iyo dupfuma tuguma dukundaye, ariko sinzi ko tuzobandanya dukundana ?

Utangura kwibaza ibibazo vyinshi kandi bitandukanye gusa kenshi ukibaza nimba muzobandanya mukundanye ariko bikaza kurangira mutandukanye, ibi kandi rero birababaza cane iyo umuntu atanguye kwanka uwo baryamanye.

4. Ese kuba ntari bwabikore mbere narimbaye iki, kombona nari meze neza ?

Utangura kwicuza iyo ntabikora nkaguma uko narindi mbere, ubu se koko sinihemukiye iyo nigumira uko nari meze mbere ntararyamana n’uyu.

5.Ese ninde uzonyitaho ?

Ibi cane cane vyibazwa n’abari bamaze iminsi bakundana bakaza gukora imibonano mpuzabitsina batarubakana, aho niho buri wese aba yibaza nimba azongera kubona uwo bakundana ubundi rero ugasanga vyagiye vyanka kwizerana nuwo bagiye gukundana.

6.Ese umuhungu yoba yanteye inda canke noba nateye umukobwa inda ?

Ibi vyo bitesha umukobwa ivyiyunviro vyinshi cane, bose batangura kwibaza bigatuma bahora bameze nkabahungabanyijwe n’ivyo bakoze.

7.Ese ko ntamwiyatse kare ?

Ibi bikorwa cane kugitsina gore mugihe umugabo amaze gusohora imbuto vyarangiye umukobwa yayakiriye imbanyi.

8.Ndumva niyanse cane

Aha yiyumva nk’igicibwa mumaso yiwe atangura kugira isoni nyinshi kuja mu bantu bitangura kugenda bigabanuka cane agahinda ari kenshi, urukundo rugenda ruba ruke cane amera nk’uwanyagiwe n’imvura.

9.Koko nabikorewe n’umukunzi wanje koko ?

Ibi uvyiyunvira nyuma yokurangiza imibonano mpuzabitsina nimba koko uwo mubirangizanyije ariwe mwari musanzwe mukundana, umara igihe kinini uvyiyunvirako.

10.Ese hazokwirikira iki nyuma yogutwara canke gutera inda ?

Aha ho bitangura kugenda bicanga umukobwa cane cane ndetse n’umusore , ingaruka zigera kumukobwa kubibazo vy’umuryango se canke amashuri n’ibindi bisanzwe ahura navyo mu buzima.

Recommended for you