Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsBiratangaje : Bano bakobwa b'abarundi baratanga impanvu nyamukuru ituma bakunda kwambara impuzu...

Biratangaje : Bano bakobwa b’abarundi baratanga impanvu nyamukuru ituma bakunda kwambara impuzu ngufiya cane .

Dukunze kubona abakobwa benshi b’abarundikazi bakunda kwiyambarira impuzu ngufi kuburyo aho baciye hose usanga barabwa na benshi ndetse ugasanga banavugwaho vyinshi bivanye n’uburyo baba bambayemwo.

VIMINI2

Bamwe ubabajije barakubwirango turi mu gihe kigezweho bityo ngo tutambaye kuno ntitwoshimwa n’abahungu, abandi nabo bakakubwira yuko babikora kuko bo bunva atakibazo kibatwaye ariko nubwo biruko ngo abantu bo ntushobora kubabuza kuvuga.

Abakobwa benshi biyambika muri buno buryo kenshi ukunze gusanga bakunzwe kwitwa amazina atababereye nagato kuko bamwe iyo babonye abakobwa biyambika muri buno buryo, harigihe baca bibaza ko abo bakorwa ari ” indaya ”

Ese wewe kuruhande rwawe uribaza ko abakorwa b’abarundi batiyambitse muri buno buryo ko batoronka abahungu babakunda ? hoho uribaza ko abakobwa bambara kuno ko baba ari Indaya nkuko benshi bavyibaza ” Tanga iciyunviro cawe.

Must Read