Thursday, June 8, 2023
HomeNewsBiratangaje : Abakobwa b'amasugi 2500 bakoreye ubugeni rimwe mu rushengero rumwe !...

Biratangaje : Abakobwa b’amasugi 2500 bakoreye ubugeni rimwe mu rushengero rumwe !

Muri Koreya yepfo mu rusengero ruzwi kw’izina rya Unification Church, ku munsi w’ejo kuwa kabiri itariki ya ( Feb 11, 2014 ), abakobwa b’amasugi 2,500 basezeranye n’abakunzi babo, kumunsi umwe kandi kw’isaha imwe.

ikinyamakuru Mail Online nkuko cabitangaje, uru rusengero Unification Church, rwashinzwe n’umugabo witwa Sun Myung Moon, akaba yarutanguje mu mwaka w’1954 avuga ko ari Mesiya, akaba yaranigisha avuga ko ariwe Imana yatumye kw’ isi ngo arokore ubugingo bw’abana bayo.

Aba basore n’inkumi z’amasugi 2,500 basezeraniye umunsi umwe, kandi vyari bikomeye cane muri iri dini aho bemera ko umugore n’umugabo bubatse urugo kuri uwo munsi baba bafise imigisha myinshi ku Mana nk’uko Sun Myung Moon yasize abibigishije atarapfa.

icatangaje benshi muri iki gikorwa co gusezerana kw’aba bantu bagera kuri 2,500 n’uko hari abahisemwo kubaka bamaranye iminsi itarenze ibiri bamenyanye, ubwo rero bakaba Bahisemwo guhita bakora ubukwe kugira ngo uyu munsi w’imigisha utabacika.

Abenshi ngo ntabwo bari bazinanye. Umwe hari igihe yambika impeta umukobwa akamubaza izina ryiwe kubera ko yaba yaryibagiye. Ikindi gitangaje nuko hari abasore n’inkumi batwaranye kandi batavuga ururimi rumwe kuburyo kumvikana vyabaye ingorane.

Ni ku ncuro ya kabiri kuva uyu mesiya wabo apfuye mu 2012 kuko niho habayeho kino gikorwa cubahwa cane muri iri dini , nyuma y’aho niho hubakanye ayandi ma couples 35,000. Bakurikiwe n’aba 2500 basezeranye ku munsi w’ejo. Kino gikorwa rero ngo ntabwo gifise igihe kizwi kiberako kuko ngo babikora bitewe n’igihe Imana yaberetse ko uwo munsi ari uw’imigisha benshi bagaca bashaka abakunzi bakubaka urugo.

Umunezero wari mwinshi ku bashinze urugo kuri uyu munsi.

Abageni bari hagati mu kibuga, abakristu bari babaherekeje bakaba bari bicaye muri stade hejuru

Bamwe bararize kubera umunezero

Aba basore n’inkumi, ntawe yubaka kuri uyu munsi yarataye ubusugi kuko iyo bamaze kwemeza ko uri isugi, uhabwa uburenganzira bwo gukora ubukwe. Iyo bamaze kwambikana impeta, biyemeza kumara iminsi 40 n’amajoro 40 badakora imibonano mpuzabitsina kugirango batere ikirenge mu ca Yesu wamaze iminsi 40 atarya kandi atanywa ahubwo yirirwa asenga.

Nyuma yo kwambikana impeta bagiye kumara iminsi 40 badakora imibonano mpuzabitsina

Hano bariko barunamira umugore wa nyakwigendera Moon wari uje muri kino gikorwa.

Aba bageni bizeye ko kuri uwo munsi batahanye imigisha myinshi cane.

Abakristo biri dini bemera ko umuyobozi wabo yaje kwisi gucungura abana b’Imana

Uru rusengero rufise abayoboke bagera kuri 3,000,000

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...