Thursday, June 8, 2023
HomeNewsBiragaragara ko abariko batera amagerenade mu Burundi harimwo n-imbonerakure -Pacifique Nininahazwe.

Biragaragara ko abariko batera amagerenade mu Burundi harimwo n-imbonerakure -Pacifique Nininahazwe.

Inyuma yaho habereye ibitero vy-amagerenade mu bice bitandukanye vy-igihugu, Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE amenyesha ko abariko bahungabanya umutekano mu gihugu mu gutera amagerenade hirya no hino mu Burundi muri kino gihe harimwo imbonerakure zegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ariko biba nk-akamizwe n-ingoma.

Uwo aharanira agateka ka zina muntu asaba ko hoba amatohoza mpuzamakungu kuri ivyo vyaha bikomeye biriko birakorerwa abarundi .Pacifique NININAHAZWE 🇧🇮 (@pnininahazwe) | Twitter

ˮhari ibintu bitangaje vyagiye biraboneka muri ino ndwi aho hari imbonerakure zagiye zirafatwa n-igipolisi c-uburundi zihejeje gutera amagerenade ariko izo mbonerakure zose igitangaje zaca zicwa. Akarorero kabereye ku musi wa mbere muri zone kanyosha mu bumanuko bw-igisagara ca Bujumbura aho imbonerakure yo mu gisyo yitwa Dieudonné Habonimana yafashwe yagirizwa gutera gerenade ico gihe iyo gerenade ikaba yishe umwana iranakomeretsa n-abandi bantu . Uyu Dieudonné Habonimana yaciye ajanwa kuri zone kanyosha aho yasambishijwe hariho n-abategetsi bakomeye mu gipolisi mu gisagara ca Bujumbura ariko mu gihe iyo mbonerakure yari maze kwemera ko yateye iyo gerenade ikaba yaritanguye kuvuga amazina y-imbonerakure bakorana muri ubwo bubisha haciye haba umuntu amukubita ikintu mu mutwe iy-imbonerakure ica irapfa. Ariko hose ikiboneka abatera amagerenade bahurizako nuko ari imbonerakure . Ikindi ca kabiri nuko ababonetse ko bateye izo gerenade baca bicwa ubwo nyene n-igipolisi umuntu agasigara yibaza ico igipolisi gishaka kunyegeza muri ivyo bintu‟ Niko Pacifique Nininahazwe asigura.

Kubwa Pacifique Nininahazwe, ngo ntivyumvikana na gato ukuntu umushikirizamanza kizigenza waRepublika Sylvestre Nyandwi yaheruka kwemeza ko abariko batera ayo amagerenade ari abo mu muhari RED-TABARA mbere avyegaka kuri Alexis SINDUHIJE arongoye umugambwe MSD hamwe n-umupfasoni Margarita BARANKITSE arongoye ikigo Maison-Shalom. Ico gihe Sylvestre Nyandwi ntiyigeze yerekana icemezo na kimwe c-ivyo yariko aravuga, ntiyigeze yerekana aboba barafashwe bateye ayo magerenade kandi bimaze kumenyekana ubu abatera ayo mageranade umuhari bakomokamwo.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...