Ntutangazwe nino Tittle yinkuru muko ivuga ( Birababaje uvyunvise ” Yamuteye inda atabishaka ariko umukobwa nawe aca amwanduza sida ) kuko iyo ukoze imibonano mpuzabitsina idakingiye ico nico gikunze kubaho” akenshi utera inda utabishaka ahandi naho uravye nabi ukahandurira ningwara zitandukanye !
Bimaze kuvurwa kenshi kandi vyigishwa henshi ko agakingirizo ari bwo buryo bwonyene bwo kwirinda SIDA hamwe nizindi ndwara zandurira mu mibonano mpuzabitsina ndetse no kwirinda gutera canke gusama inda utabiteguye ariko nubwo inyigisho zihagije zimaze kuvugwa usanga abantu bandura izo ndwara canke basama batabiteganyije baguma biyongera.
Umuntu rero yokwibaza impamvu abantu benshi na cane cane urwaruka ukuntu rukomeje kutarinda ubuzima bwabo nyamara bakibagira ko bashobora kwiteza ikibazo mubuzima bwabo, akarorero nko gutwara inda batateguye canke kwandura HIV/SIDA n’izindi ndwara nyishi zandurira mu mibonano mpuzabitsina.
Twifashishije bimwe mu vyiyunviro bitangwa n’abantu batandukanye, izi ni zimwe mu mpamvu zitangwa zituma abantu benshi badakoresha Condom mugihe cimibonano mpuzabitsina.
1. Isoni zo kugura udukingirizo .
iyo bibaye ngombwa kugura udukingirizo mw’iduka canke ahariho hose mugihe umuntu ateganya gukora imibonano mpuzabitsina, yibaza ico bari bumutekekerezeho bityo rero isoni zokugura agakingirizo akaba arizo zituma benshi bandura indwara zitandukanye cangwa bagatwara inda batabishaka.
2. Huti huti mugitanda:
Hari igihe umwe mubakundana aba adashaka gukora imibonano mpuzabitsina, Ico gihe rero bisaba ko uwubishaka cane abanza kwinginga bikomeye mugenzi we ” ubwo rero iyo vyagenze gutyo, akenshi habaho imibonano mpuzabitsina idakingiye kuko uwinginga aba atinya ko mugenzi we yakwisubiraho mu gihe co gushaka udukingirizo ngo yirinde.
3. Ubusugi
Abahungu bamwe na bamwe bakoresha agakingirizo kugira ngo birinde indwara zandurira mu myanya ndangagitsina, kuko gutera inda batabifata nk’ikibazo cabo gikomeye kuko bataba ari bo bazatwara inda ” Iyo abahungu batekereza gutyo bazi neza canke basanze umukobwa bari kumwe ari Isugi, bahitamwo kudakoresha agakingirizo kuko baba bibwira ko ntaco kwirinda gihari, ko indwara umukobwa ntaho yazikura kuko buba ari ubwa mbere akoze imibonano mpuzabitsina. Akenshi umukobwa, mu kamenyero gake ntiyibuka gusaba ko hokoreshwa agakingirizo.
4. Umunezero:
Bamwe mu badakunda gukoresha agakingirizo, bavuga ko iyo gakoreshejwe, abakorana imibonano mpuzabitsina ngo ntavwi bagera ku munezero mwiza ubwo rero baca bahitamwo kutagakoresha.
Muri rusangi, buri wese mu badakoresha agakingirizo afise impamvu yiwe ishobora kuba itandukanye n’iy’uwundi; ariko abantu bakwiye kwibuka ko nta mpamvu n’imwe yotuma basenya imibiri yabo kuko ari co kintu gihenze kurusha ibindi vyose abantu batunze kwisi