Thursday, October 6, 2022
HomeNewsBirababaje : Uno mukobwa yapfiriye mu bugeni bwiwe, icababaje benshi nuko.....

Birababaje : Uno mukobwa yapfiriye mu bugeni bwiwe, icababaje benshi nuko…..

Bimwe mu birori binezereza canke bishobora kubabaza abantu insinzi bikanakoranya kandi imiryango, incuti n’abagenzi, ni ibirori vyo gutaha ubukwe hamwe n’ibirori vyo kubura uwawe. Umugeni Peace Komujuni yabaye muri ivyo birori vyompi uko ari bibiri, mu munsi umwe.

Mu karere ka Sheema mu gihugu c’Ubuganda, hari umugeni yitavye Imana ari mu birori vy’ubukwe bwiwe ku munsi wa gatandatu wa 10 Rusama 2014.
Umuryango, incuti, abagenzi n’ababanyi bari baje gushigikira abagize ubugeni bakavuga ko baguye mu gahundwe aho baboneye umugeni wabo aguye igihumura, yikubita hasi imbere y’inyubakwa bariko bagiriramwo ibirori (salle de réception), aca yitaba Imana ubwo nyene atanasamvye. Ibirori vy’ubugeni bikaba vyaciye bihinduka ikigandaro.

Umuryango wa Peace Komujuni wari waje kumushigikira mu birori vy’ubugeni bwiwe

Vyabaye agahomerabunwa, binagora benshi gutahura igihe uwo mugeni yari azwi kw’izina rya Peace Komujuni yapfira mu maso y’uwo bari butanguranye ubuzima bushasha bwiwe bwose, Justus Tumuhimbise, n’imbere y’incuti n’abagenzi.
Nk’uko bivugwa, uwo mugeni Peace Komujuni yari umukenyezi w’imyaka 30 y’amavuka, akaba yitavye Imana yari afise imbanyi y’amezi indwi.
Indagano zo kubana akaramata bari bagiriye mu rusengero rw’i Kabohe ruri muri ako karere ka Sheema, Justus Tumuhimbise na Peace Komujuni bazibayemwo umunsi umwe gusa, kubw’urupfu rwatwaye umwe muribo.

Ibijanye n’icatumye umugeni Peace Komujuni yitaba Imana bikaba bitaramenyekana gushika n’ubu.

Peace Komujuni yitavye Imana ku munsi w’ubugeni bwiwe

Must Read

Umushingwamanza Sandra Ndayizeye yakuyemwo akarenge mu rubanza rw’uwo aburanira muganga SAHABO.

0
Umushingwamanza Sandra Ndayizeye aburanira muganga Sahabo Christophe yaraye akuyemwo akarenge mu rubanza rw'uyo yaburanira iki gihe apfungiwe mw'ibohero rya Ruyigi. Sandra Ndayizeye akaba yagiriyeko...