Sunday, May 28, 2023
HomeNewsBirababaje : Umwana wa Sat B amaze guhakwa kwicwa incuro zibiri ahawe...

Birababaje : Umwana wa Sat B amaze guhakwa kwicwa incuro zibiri ahawe uburozi

Umuririmvyi sat B afise umubabaro udasanzwe bivanye nibiriko birashikira umwana wiwe, uno muririmvyi nkuko we yabivuze, we aribaza ico uwo mwana wiwe yoba yarakoze kugeza naho abagizi banabi bipfuza kumugandagura.

leila burundi

Sat B nkuko yabishize kubuhinga ngurukanabumenyi afise umubabaro mwinshi yagize ati :”Habari mbaya ni kwamba mtoto wetu kipenzi ‪‎Leila‬ Burundi kapewa sumu kwa mara ya 2 katika myezi 2. Why do you want to kill my leila ???”. Hivi ndo shukrani Twapewa kuitumikiya nchi … ???Anza na mimi basi ila acha mtoto wangu. Ndugu zangu mtoto wenu anaitaji duwa zenu …ameen”.

sat -B

Bisigura :” inkuru mbi n’uko umwana wacu Leila Burundi yahawe isumu incuro ya kabiri mu mezi abiri. Kuki ushaka ku mwica Leila wanje ? Iri niryo shimwe duhabwa dukoreye igihugu…? Utangure wice jewe basi kugira undekere umwana. Bagenzi banje umwana wacu arakeneye igisabisho canyu…Amen.

UBM News twobibutsa ko uwo mwana wa Sat B azwi kwizina rya Leila BURUNDI ko yavutse kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza umwaka w’ 2014, ubu rero akaba akwije akwije amezi, indwi.

Must Read