Umuririmvyi sat B afise umubabaro udasanzwe bivanye nibiriko birashikira umwana wiwe, uno muririmvyi nkuko we yabivuze, we aribaza ico uwo mwana wiwe yoba yarakoze kugeza naho abagizi banabi bipfuza kumugandagura.
Sat B nkuko yabishize kubuhinga ngurukanabumenyi afise umubabaro mwinshi yagize ati :”Habari mbaya ni kwamba mtoto wetu kipenzi Leila Burundi kapewa sumu kwa mara ya 2 katika myezi 2. Why do you want to kill my leila ???”. Hivi ndo shukrani Twapewa kuitumikiya nchi … ???Anza na mimi basi ila acha mtoto wangu. Ndugu zangu mtoto wenu anaitaji duwa zenu …ameen”.
Bisigura :” inkuru mbi n’uko umwana wacu Leila Burundi yahawe isumu incuro ya kabiri mu mezi abiri. Kuki ushaka ku mwica Leila wanje ? Iri niryo shimwe duhabwa dukoreye igihugu…? Utangure wice jewe basi kugira undekere umwana. Bagenzi banje umwana wacu arakeneye igisabisho canyu…Amen.
UBM News twobibutsa ko uwo mwana wa Sat B azwi kwizina rya Leila BURUNDI ko yavutse kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza umwaka w’ 2014, ubu rero akaba akwije akwije amezi, indwi.