Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsBiteye agahinda : Umukuru w’igihugu yahaye igihano uno mugabo co kuribwa n’imbwa...

Biteye agahinda : Umukuru w’igihugu yahaye igihano uno mugabo co kuribwa n’imbwa 120 !

Nk’uko ayo makuru atangwa n’ikinyamakuru co mu gihugu c’Ubushinwa Wen Wei Po kibivuga, Kim Jong-Un umukuru w’igihugu afise imyaka y’amavuko 30 gusa, yahoye inarume kuba yahemukiye igihugu mu kurya igiturire no kudatunganiriza neza abanyagihugu baba bamwituye, aca amushuhurirako imbwa ijana na mirongo ibiri ziramurya ku kibuga abantu isinzi bakinje.

umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru

Ico gihano rero uyo mukuru w’igihugu akaba yagiciriye inarume mu mpera z’uyu mwaka twaraye turangije w’2013, igihe yagirizwa n’ubutegetsi kuba yarabuhemukiye mu kutarangura neza amabanga yiyemeje. Izo mbwa rero 120 zategerezwa kurya uyo inarume w’umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru, zari zimaze iminsi igera kuri itatu zicishwa inzara kugira zize zishobore kumurya atakinya. Umuhisi Jang Song Thaek w’imyaka 63, akaba yahawe ico gihano c’akamuna co kuribwa n’imbwa ari ukwo Imana yamuremye imbere y’isinzi ry’abantu rikoranye.

Abatari bake bakaba baraneguye ico gihano cahawe uyo mu nyagihugu, naho vyagaragara ko uwagirijwe ikosa yari guhanwa, ariko atari guhabwa intozo ngo zimurye yambaye izuba. Uyo mukuru w’igihugu rero yahaye igihano nk’ico inarume, abatari bake mu banyagihugu bakaba bamwagiriza kuba atwaza umukazo.
Amasanamu rero yafashwe izo mbwa ziriko zirya inarume w’umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru, abamenyeshamakuru bakaba baratinye kuyashira mu binyamakuru baravye ingene vyari ibintu biteye ubwoba n’agahinda. Ico gihano cahawe uyo mutama kikaba citwa ’’quan jue’’.

Mw’ijambo uyo mukru w’igihugu yashikirije abanyagihugu bose, akaba yavuze ko inarume yategerezwa guhabwa ico gihano co kuribwa n’imbwa, mu gihe yahemukiye igihugu. Tukaba twobamenyesha ko umunsi inarume wa Kim Jong-Un aribwa n’imbwa, vyari bihagarariwe n’umwishwa wiwe ariwe umukuru w’igihugu ubwiwe ari kumwe n’abandi bategetsi bashika ku majana atatu n’abanyagihugu isinzi.

Imwe mu ntozo zagandaguye umutama Jang Song Thaek

Abategetsi batandukanye bariko barakurikirana ukwo imbwa zirya inarume w’umukuru w’igihugu

Must Read