Tuesday, May 30, 2023
HomeNewsBirababaje cane '' Menya ivyaranze (jean-Christophe Matata ) mu buzima...

Birababaje cane ” Menya ivyaranze (jean-Christophe Matata ) mu buzima bw’umuziki?

Jean-Christophe Matata yabonye izuba igenekerezo rya 20 Myandagaro 1960 yavukiye muri komine ya Kinama. Se wiwe yitwa Matata Bénoit na nyina wiwe Thérese, yize amashure yiwe nk’abandi bana bose ariko mu mashure mato mato niwe yabaye uwa 1 muri ca kibazo ca Concour National mu Burundi aca yiga kuri ETS Kamenge no kuri Lycée de l’Amitie (Ex St-Albert) yaronkeye urupapuro rw’umutsindo.

Jean-Christophe Matata yatanguriye muri Mihingo des Grands Lacs mu 1979 arikumwe na Guillaume, Jean Alexis, Munyerere, Astony n’abandi, barakoze vyinshi bibereye ijisho ariko umugabwe wa Uprona wariho ico gihe ucu basaba ko bokarana niko guca babasaba guhindura izina baca bitwa Imboneza. Aho hose Matata ntiyashima gukorana n’umugabwekuko yaciye ashinga umurwi wiwe yise Africa Nil Band, mu 1984 niho yasohora urukurikirane rwiwe rwa 1 yise “Amaso Akunda ntabona neza” harimwo n’izindi mwamenye cane nka Mukobwa Ndagowe, Ingo Tumurerure, Samantha, Iyo Manzi n’izindi nyinshi zakunzwe muri kano karere aho hari mu mwaka 1987.

Kuva ico gihe ci 1887 na 1990 yari yagiye kuba mu gihugu kibanyi cu Rwanda aho yakundwa cane gose kuruta ni wabo akanashimwa kandi bikomeye na Juvénal Havyarimana yaramutswa ico gihugu ico gihe, Matata yahura n’uwo mutegetsi uko ashatse kose kuko bamubonamwo nk’umuhuza akomeye murico gihugu biciye mu butumwa yashikiriza mu ndirimbo ziwe mu kuremesha imitima yabo nk’indirimbo “abahutu n’abatutsi turavukana”. Matata yarakunzwe bikomeye murico gihugu cu Rwanda, caratumye agumana ubuntu bwiwe yanka ubwenegihugu(Nationalité) bwu Rwanda. Nubwo yahagiriye ikiganza ciza murico gihugu ntivyagumye uko kuko muri Gitugutu 1990 niho hatera amakuba baraheza baramufata baramukubita arashaya bikomeye bamuhora ko yoba azi umuzanano w’inkotanyi ariko Imana yi Burundi yaramuzigamye ntiyapfa.

Abarundi barayamaze bati: atagapfuye ntagakira aho yataha mu gihugu ciwe ahunze, abaririmvyi bico gihe bariko bara bica bigacika nkaba Burikukiye Prosper batazara Bahaga na Canjo Amisi babura isoko kuko bari bafise injuja n’ijambo ico gihe mu muziki, yagarutse akundwa kandi bimwe birenze urugero. Ibiteramo canke ibindi batumira abarirmvyi nkivya Brarudi nivya Leta niwe yaguma kw’isonga aho hose yaje yibangikanije agakemanyi k’urukurikirane rugira 4 rwiwe yise ”N’inyagasambu Irarema ”. Matata ntiyahavuye ateba mu gihugu cu Burundi inyuma yi 1991 yaciye afata umugambi wo kuja kuba mu gihugu cu Bubiligi aho yaramaze kujayo 2 kuririmba no mu gihugu cu budagi(Allemagne). Mu bubiligi amaze gushikayo wamenga n’ifi bashize mu kiyaga Tanganyika kuko yagumanye umwuga wiwe wo kuririmba, naho nyene yagize urugendo rwiza kuko yagumye akora ibiteramo mu bufaransa muri America no muri Africa nko muri cameroun, Sénégal n’ahandi. Yashoboye gutorwa na ONU kwariwe umuserekizi (Ambassadeur) w’amahoro muri kano karere kose mu mwaka ya 1980. Amashirahamwe mpunzamakungu yasubiye kumugomba aho HCR, Bank Mondiale, Croix Rouge yaciye imushima imusaba gukora ururirimbo rwarimwo abaririmvyi bakomeye cane kw’isi yose bakora indirimbo yiyo shirahamwe Croix Rouge ari naho yavuze ati: niho naronse amahera menshi n’agateka kuriyo ndirimbo. Yasubiye gutorwa aronka agashimye ni radio y’abafaransa (RFI) mu 1989.

Matata yigishije benshi mu muziki nkaba : Kidumu, Cédric Bangy, Ntiyomwungere Léonard no mu Rwanda abitwa ba Ben Rutabana, Eugéne Umulisa n’abandi batandukanye. Ijambo Matata yaguma avuga «Hari vyinshi vyo kwandika no kuririmba ariko sivyose vyokwandika no kuririmba» yabivuze atera akamo abaririmyi bubu bitondere uko bandika. Mu 2009, niyo yatashe burundu mu Burundi ariko hagati yaho yazanye inzu( Maison d’Enregistrement) abantu bose baririmbanye barakoreye muriyo nzu yiwe igihe yari ikiri mu bubilingi yitwa Studio JMC.

Matata yariko arategura igiteramo gikomeye yari yitiriye dubumbatire amahoro cari kubera ku stade kandi hari hatumiyemwo abaririmvyi ba kera ba barundi ndetse nabo muri Africa bakomeye nka bose bakoranye.

Ingenekerezo rya 03 Nzero 2011, urupfu rutanezereje benshi aho yari yagiye mu gihugu muri Africa y’Epfo mu gisagara ca Cap Town mu biteramo yari yatumiwemwo n’abarundi babayo, muri Ntwarante 2011 yarafise ibiteramo mu bufaransa. J-Christophe yapfuye asize abana 2 yise Armel Matata(Rwanda ) na Caallixta(Belgique), Matata yari aheruka gukwa umurundikazi yitwa Perpétue

Must Read