Sunday, March 26, 2023
HomeNewsBimwe mu bihugu bigize ubumwe bwa buraya vyaremeje ko ibihano vyafatiwe uburundi...

Bimwe mu bihugu bigize ubumwe bwa buraya vyaremeje ko ibihano vyafatiwe uburundi bikurwaho.

Akanama gatoya kagizwe n-ibihugu vya buraya karakoranye mw-iy-indwi kongera kemeza ko ibihano vy-ubutunzi vyafatiwe Leta y-uburundi  bikurwaho. Nkuko tubikesha iradiyo y-abafarasa RFI,  Bamwe mu banyaburaya bavuganye n-iyo radiyo mpuzamakungu , bavuga ko aribwo buryo bwonyene bwoza bugarukana igihagararo mu Burundi.File:Marine Le Pen Jean-Marie Le Pen Bruno Gollnisch Parlement européen Strasbourg 10 décembre 2013.jpg - Wikimedia Commons

Naho biri uko, Umushingamateka wo mw-uwo muryango wa buraya, umupfasoni Marie Arena yaraheruka gutangaza ko atanagurwa ry-imigenderanire hagati y-uburundi n-uwo muryango ishoboka bitewe nuko Leta y-uburundi  yanse umuhinga adasanzwe wa ONU mu bijanye  n-agateka ka zina muntu  ko ahonyoza ikirenge mw-ico gihugu kuko agateka ka zina muntu kifashe neza mu Burundi, nkuko vyashikirijwe n-umushikiranganji w-imigenderanire n-ayandi makungu Albert Shingiro hari imbere y-abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Umupfasoni Marie Arena ararwa akagaruka aho amenyesha ko inama nshikiranganji yo mw-uwo muryango ariyo ifise ijambo rya nyuma kuvyerekeye n-ikurwaho canke igumizwaho ry-ivyo bihano.

Ingingo yemeza ko hagiye kuvanwaho canke kugumizaho ivyo bihano vy-ubutunzi  izomenyekana mu kwezi kwa mbere kwo mu mwaka uza w-2022.

Must Read