Akanama gatoya kagizwe n-ibihugu vya buraya karakoranye mw-iy-indwi kongera kemeza ko ibihano vy-ubutunzi vyafatiwe Leta y-uburundi bikurwaho. Nkuko tubikesha iradiyo y-abafarasa RFI, Bamwe mu banyaburaya bavuganye n-iyo radiyo mpuzamakungu , bavuga ko aribwo buryo bwonyene bwoza bugarukana igihagararo mu Burundi.
Naho biri uko, Umushingamateka wo mw-uwo muryango wa buraya, umupfasoni Marie Arena yaraheruka gutangaza ko atanagurwa ry-imigenderanire hagati y-uburundi n-uwo muryango ishoboka bitewe nuko Leta y-uburundi yanse umuhinga adasanzwe wa ONU mu bijanye n-agateka ka zina muntu ko ahonyoza ikirenge mw-ico gihugu kuko agateka ka zina muntu kifashe neza mu Burundi, nkuko vyashikirijwe n-umushikiranganji w-imigenderanire n-ayandi makungu Albert Shingiro hari imbere y-abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.
Umupfasoni Marie Arena ararwa akagaruka aho amenyesha ko inama nshikiranganji yo mw-uwo muryango ariyo ifise ijambo rya nyuma kuvyerekeye n-ikurwaho canke igumizwaho ry-ivyo bihano.
Ingingo yemeza ko hagiye kuvanwaho canke kugumizaho ivyo bihano vy-ubutunzi izomenyekana mu kwezi kwa mbere kwo mu mwaka uza w-2022.